Music: “Si jewe by GISA Stevo”,ubuhamya hagati y’abakundana.

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Inyuma y’indirimbo Turahuza, Uranyuzuza, Mpobera, Umwubatsi yakoranye n’abaririmvyi kolly na Wallace hamwe na Cherie yakoranye na Aslion, GISA Stevo yasohoye indirimbo “Si jewe”.Si jewe” n’indirimbo nshansha, ikozwe neza inyuma yo kwiha umwanya wo kuyinonganza neza mu bigo vya Agape Records arikumwe n’abahinyanyuzi nka Clovis afadikanije na Dany pro.

Ubutumwa burimwo

Isanomag.com iganira n’umuririmvyi GISA Stevo, amenyesha ko indirimbo igizwe n’ubutumwa bw’urukundo. Akagira ati: “… ubutumwa burimwo n’ubw’ urukundo aho umuntu akundana n’uwundi amuha ubuhamya ko atawundi bangana mu rukundo, iryo rikaba ipfundo ry’iterambere mu rukundo rwa babiri.”

Ico yiteze kuri iyo ndirimbo

Abicishije ku mbuga ngurakanabumenyi, ahamagarira abakunzi biwe n’ibikorwa vyiwe gukunda indirimbo “Si jewe”, kuyumviriza no kuyisabikanya n’abandi. Ubutumwa bugaraza ubucuti budasanzwe buri hagati ya GISA Stevo n’abakunzi biwe, ariko kandi bikerekana icipfuzo ciwe co gushikana kure igikorwa c’indirimbo “Si jewe”.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by