Natacha La Namba abandanije kwingingira Sat B amahera?Niki cinyegeje inyuma yavyo?

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu muziki w’ u Burundi bigenda birushirazaho kuba vyiza kuko amahera ariko aragenda yibonekeza mu baririmvyi b’abarundi bamwe ba bamwe,ni nyuma yaho Natacha Ngendabanka yandikiye kuri Page ya Instagram yiwe abwira Sat b ko yahomvye kugaruka kandi mu giteramo ciwe na rirya yari yamuzaniye akandi kaganuke.Beshi rero bakibaza ko yoba ari ayandi mahera yari kumuha naho batigeze bavuga icarico neza.

Bija gutangura hari muri concert ya Karabarya yabereye mu kanyosha ,aho Natacha yitabiriye iki giteramo ndetse aboneka aha amahera SAT B agera ku bihumbi amajana atanu (500 000 FBu)

Mu majambo yagiye araboneka kuri page zaba baririmvyi za Instagram babwiranye ,biraboneka neza ko hari umubano umeze neza hagati ya SAT B ndetse na Natacha la Bamba,Natacha akaba yabwiye SAT B ko iyo aza kuba yitabiriye igiteramo ciwe cabaye ku munsi wahariwe abakundana Saint Valentin kukabera mu kinama aho asanzwe anavuka,yari yamubikiye agakemanyi nkako yamuhaye bwa mbere ariko akaba atarigeze aza,bituma Natacha agasubiza inyuma

Natacha abandanya yingingira SAT B kumuha hafi akamuha nawe inoti(AKAGANUKE)

Mu mujambo arimo icubahiro ndetse biboneka ko harimo n’umubano mwiza mugenzi wiwe Sat B yamwishuye atariye umunwa amusaba ikigongwe anamwemerera ko azogisaba bose babona mu gihe nawe azoba ariko arakora igiteramo,kugira amwereke ko yahomvye ako kaganuke,ndetse amubwira mu majambo meza ko amukunda cane,ko vyamubabaje nawe kutaza mu giteramo ciwe cabereye mu kinama

Beshi bakaba bibaza niba kweli hari amahera Natacha yari gusubira guha SAT B nk’ibahasha yamuhaye kuri Concert ya Karabarya canke hari akandi kaganuke karenze aka yari kumuha ,ku rundi ruhande ukaba wokwibaza nimba atari uburyo bwo kudandaza ibikorwa vy’aba baririmvyi babiri,canke kugabanya umuriro w’induru zimaze iminsi zivugwa hagati ya SAT B ndetse n’uwahoze ari Manager wiwe Wanda ku bijanye n’ubunyonyezi buvugwa gati yabo bombi ku mugambi w’indirimbo na Meddy.

Isano Magazine yagerageje kurondera abavugwa muri iyi nkuru ariko irabakena gusa irabandanya ibarondera kugira ngo ibabaze ivy,ubu bugenzi bafitaniye ku buryo Natacha yokwifuza gusubira guha inoti SAT ,umwe mu baririmvyi bahagaze neza kugeza uyu munsi mu gihe hari ayandi mazina ariko araduga ariko atabona ubufasha bw’uyu mwamikazi w’umuziki mu Burundi,ngo bibafashe kuba bokwagura umuziki ngaha mu Burundi.

Tukwibutse ko Natacha Ngendabanka akiri mu ihiganwa rya HIPIPO ,aho bisaba ko abamukunda n’abamukurikirana bose bashobora kumutora ,uciye kuri iyi link https://hma.hipipo.com/africa-fans-favorite-fresh-talent/ canke ukaba womutora kuri numero ya whatsapp  +256778087194 ukaba umuhaye amahirwe yo gukubita hasi bimwe mu bihangange bahanganiye aka gashimwe ka  Africa fans favorite fresh Talent.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by