Natacha la Namba arasaba abafana b’umuziki ndundi kumushigikira mu ihiganwa rya Hipipo music award

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Ku nshuro ya mbere nibwo umuririmvyi w’umurindi haba mu bagabo canke mu bagore yinjiye mu ihiganwa rya Hipipo risazwe rihemba bamwe mu baririmvyi muri Afrika bitwaye neza mu muziki mu bihugu vyabo ndetse no muri Africa muri rusange


Izina rya Natacha Ngendabanka rikaba ryarashizwe mu yandi mazina mu ciciro c’abagomba gutorwa n’abafana Africa fans favorite fresh Talent , aho ari kumwe n’abandi basanzwe bariko baramenyekana mu muziki muri Africa nka Mbosso na King Monada.


Iri higanwa rya Hipipo risanzwe ritegurirwa mu gihugu c’ubugande ndetse uyu mwaka rikaba rigira irya 8 rigiye kuba aho umurundi umwe ari we amaze kugomwa n’abategura iri higanwa kuva ritanguye ari we Natacha.

Aganira n’ikinyamakuru IsanoMag,Natacha yagarutse ku kamaro ko kwinjira muri iri higanwa kuko bituma umuziki w’u burundi umenyekana mu makungu ndetse bikaba vyotuma unatangura kugurisha muri ayo makungu nyene mu gihe abawukora boba bawuhaye agaciro ndetse bakawukora bawukunze ,tukaba twoza turabona abaririmvyi bacu baja gukora ibiteramo hirya no hino muri Africa

Ati « urabona ni vyiza kuja mu ihiganwa nkiri kuko bituma abarundi baboneka ku rwego mpuzamakungu ,ico dusabwa gusa abakora umuziki birakenewe ko tuwukorana urukundo ndetse tugakora ibintu vyigurisha kuburyo ejo wokumva ngo umurundi kanaka niwe mutumire mukuru mu giteramo kirimo n’abandi bakomeye hirya no hino kandi birashoboka,dusabwa guha agaciro umuziki wacu kuko niko kazi kacu »

Natacha Ngendabanka ni umwe mu baririmvyi bo mu burundi bazi akamaro ko kwiyegereza abakunzi babo kuko mu biteramo hirya no hino ndetse no mu buzima bwa minsi yose usanga ariki kumwe n’abamwereka ko bakunze akazi kiwe asanzwe akora k’umuziki ndetse asanzwe anatanga nawe ubushimwe ku bantu baba babonetse ko bazi gutamba no gusubiramo indirimbo ziwe,ari nayo mpamvu yasavye abakunzi biwe n’umuziki wose w’uburundi muri rusange kubandanya bamutora kuko amatora ya Hipopo yataguye

Ati « Razma abakunzi banje ndabandanya ndabasaba kuntora bakongera kuntora kuko ndi kumwe n’abantu bava mu bihugu nka south africa kandi abo bamenyereye cane amahiganwa nkaya bazi nuko basaba abakunzi babo uko babatora,so nukuri nukuri ndasavye abantu basoma IsanoMagazine babandanye bantora kuri website ya Hipipo »

Ushaka gutora Natacha uja ahari izina ryiwe muri categorie abarizwamo ya Africa fans favorite fresh Talent hama ukamutora ariko hari uburyo bundi bworoshe bwo kuri whatsap ushbora gukoresha +256778087194


Ushobora guca ugatora umuririmvyi Natacha la bamba

https://hma.hipipo.com/africa-fans-favorite-fresh-talent/

Ibirori vyo gutanga aka gashimwe bikaba bizobera i Kampala muri Uganda mu kwezi kuza kwa gatatu.

Natacha Ngendabanka asanzwe amenyerewe cane nk’umwe mu baririmvyi bazwiho gutwenza cane biciye mu masanamu canke utu video ashira ahabona keshi,Nubwo ariko ari muri iryo higanwa ntibimubuza kubandanya akora akazi k’umuziki wiwe kuko afise igiteramo gikomeye ku munsi w’abakunda aho bita kuri Treibeka mu kinama.


Natacha abonye amahirwe yo kuja mu ihiganwa nkiri nyumayaho umwaka waheze wa 2018 ari umwaka yakoze cane ndetse aboneka mu ndirimbo zitari nke yakoranye n’abandi bo muri kano karere barimo Sheebah Karungi bakoranye Wangu mu mwaka wa 2017 ndetse na Fally Ipupa bakoranye indirimbo Duga.


Raba urutonde rw’abaririmvyi bari kumwe na Natacha Ngendabanka muri Hipipo

Africa Fans Favorite Fresh Talent

  1. Yovi (Nigeria)
  2. King Monada (South Africa)
  3. Joyce Blessing (Ghana)
  4. Shekhinah (South Africa)
  5. Mankind (Kenya)
  6. Natacha (Burundi)
  7. Mbosso (Tanzania)
Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by