Showbizz:Imyiteguro yo gushira hanze Album yanje ya mbere igeze kure Masterland

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Haheze igihe kitari gito ,umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi
Armel Chabel Marial Ngendakumana,  bakunda kwita Masterland amenyesheje abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko agiye gushira hanze album yiwe ya mbere kuva atanguye akazi k’umuziki ,iyo album ikazoba yitwa EGO.

Masterland amaze imyaka igera ku munani (8years) yinjiye mu bikorwa vyo gutunganya no gukora umuziki,aho afise inzu itunganya indirimbo mu buryo bw’amajwi MasterMuzik imaze gufasha abatari bake kuduza impano zabo no kwerekana ko umuziki ndundi ufise impano zigiye zinyegeje hirya no hino,Masterland abifatanya no kwikorera nawe indirimbo ziwe ari nayo mpamvu agiye gushira hanze urukurikirane rw’indirimbo ziwe rwa mbere mu myaka 8 ruzoba rwitwa EGO.

Aganira na isanoMagazine ,Masterland yavuze ko ari n’akanyamuneza ntangere kubona ageze ku rwego rwo gushira hanze urukurikirane rw’indirimbo ziwe kuko aba ari akazi katoroshe ndetse bisaba inguvu nyishi haba uburyo ndetse no mu bikorwa vya minsi yose,abandanya kandi asaba abakunzi b’umuziki ndundi kubandanya kumushigikira ndetse no kuzitabira ibi birori bizoba ku igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2019 mu kibanza ca Lacosta Beach ahasanzwe habera ibiteramo binini kandi vyakira abantu batari bake.

Yavuze atiUbu turaharura hafi indwi zigera kuri zine(4weeks) ngo isango rikuru rigere #EGO rigere ni ku kuwa 21 Ndamukiza 2019,aho nzoba ndamutse ndabamurikira urukurikirane rwanje rwa mbere inyuma y’imyaka umunani nkora aka kazi,kuri jewe mu vyukuri ni isango ridasanzwe..ndakeneye uruhara rwanyu uko rungana kwose rwanyu kuko ndi jenyene ataco nokwishoboza”

Masteraland akaba asaba abakunzi b’umuziki ndundi kubandanya bamushigikira na rirya bizwi neza ko umuririvyi aho ava akagera aba akeneye ubufasha bw’abakunzi b’umuziki kuko aribo mu bisanzwe ibikorwa nk’ibi biba bikorerwa.

Masterland asaba abakunzi biwe kuzokwitabira igiteramo ciwe

Masterland ni umwe mu basore bakiri bato ariko bafise ibikorwa bikomeye mu muziki w’u Burundi azwi cane mu gukora indirimbo mu buryo bw’amasanamu kandi aba asukuye ibintu vyibonekeza kuri buri wese ko aba yashizemo uburyo butari buke,aha beshi bakaba baca bibuka indirimbo aheruka gushira hanze yitwa Nzobikora arikumwe na Fabelove aho yafatiye amasanamu y’uru ruririmbo mu kiyaga ca Kivu ndetse akoresha bumwe mu bwato buzimvye.

Masterland asanzwe amenyerewe gukora amasanamu asukuye

Raba ngaha Nzobikora ya Masterland:

Isano Magazine yashatse kumenya uko ibikorwa vyo gushira hanze uru rukurikirane bizoba vyifashe ,ahanini tugomba kumenya abazoba bifadikanije nawe kuri uyu munsi avuga ko akiri mu biganiro na bamwe mu baririmvyi bakomeye haba ngaha mu gihugu ndetse no hanze cane cane mu karere k’ibiyaga binini ariko bitaratungana vyose,gusa yizeza abakunzi biwe ko iki giteramo kitazoba ari igisanzwe,ariko kandi ku basanzwe bamenyereye uyu musore bavuga ko ashobora kuba yararangije kuvugana nabo gusa ko aribwo buryo bwiwe ateguramo ibintu vyiwe kuko buri kintu ciwe cose kigenda ku murongo,na rirya ataratangaza n’ibijanye no kumurikira uru ruhererekane mu gihugu hagati cane cane mu ntara ya Ngozi akunze no kumvikana atanguza keshi mu ndirimbo ziwe ahayagiza iki gisagara avukamo akaba yiyita umwana wo Ku Gasaka.

Masterland agiye gushira hanze iyi album yiwe ya mbere izoba yitwa EGO nyuma yo kumenyekana mu ndirimbo zitandukanye harimo nka  Sabwe,Fantastic,Sinzohinduka,Rundimwo,Alima n’izindi nyishi yagiye arakora kandi zikagira ama succes ngaha I Burundi ndetse no mu bihugu bibanyi.

Isano Magazine irabandanya ibakurikiranira ivy’iki giteramo

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by