CAF irasaba Uburundi kuriha ihadabu ringana n’amafaranga 10.000 vy’amadolari.

Spread the love
  • 36
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    36
    Shares

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa ryaraye rihanishije igihugu c’Uburundi, ihadabu ringana n’amafaranga y’amanyamerika,amadolari ibihumbi icumi, ayangana n’imiliyoni zababa mirongo itatu mu mafaranga y’amarundi.

Mw’ikete ryaraye rishizwe ahabona na CAF, ryandikirwa ubunyamabanga bukuru bw’ishirahanwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, Uburundi bwagirijwe ko zimwe mu mboneshakure harimwo n’iyigihugu cacu ( RTNB), zerekanye urukino rwo ku wa 23 Ntwarante rwahuje Uburundi n’igihugu ca Gabon, urukino rwahaye itike igihugu cacu kuja ubwa mbere mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika kigiye kubera mu gihugu ca Misiri. Aho nimugihe izo mboneshakure zitari zibifitiye uruhusha rwanditse rutanzwe na CAF.

Ishirahamwe rya CAF ryemeza ko urwo rukino rwaciye kandi ku mboneshakure za StarTimes, CanalPlus INTL, kuri ivyo rero akanama kajejwe ukwitwara neza ( Commission de discipline ), gashikiriza ko iryo ko sa rihanishwa n’ihadabu ringana n’ibihumbi icumi vy’amadolari ( 10000USD).

Mu kurangiza CAF isaba ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, iragabisha noku zindi nkino zizobera hano mu Burundi ko iryo kosa ritosubira gushika.

Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, baremeza ko iryo kete ryabashikiriye, bakaba bategekanya ikiganiro ku munsi wa mbere w’igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2019. Ikiganiro kizotangwa n’uwurongoye iryo shirahamwe, Umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo aho azotanga umuco kuri ico kibazo.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by