“ I PROMISE SCHOOL” 1.000.000$ ahawe ishure ry’umukinyi LeBron James

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Ayo n’amafaranga agiye gufasha kubaka ikibanza c’ukwinonora imitsi mw’ishure aheruka kubaka mw’ici ry’umwaka wa 2018 mu karere ka Ohio natal asanzwe avukamwo. Ni mu gihe atariko arakina inkino za play-offs ariko akabandnya iyindi imirimo.

Abanyeshure batari bake banezerejwe no kubona amaso mu yandi umukinyi LeBron James kw’ishure  “I PROMISE”, aho bari baramutse baronka imfashanyo ingana n’umuliyoni w’amafaranga y’amadolari mu ntumbero yo kubaka ikibanza kigenewe kwinonora imitsi.

LeBron James yari aherekejwe n’abaserukira ishirahamwe Dick’s Sporting Good, ari naryo ryatanze iyo mfashanyo. Iryo shirahamwe rikaba risanzwe rikorera mu gisata c’inkino hamwe no mu bice vyo gufasha bantahonikora.

Ibirori vyabereye kw’ishure St Vincent St Mary High, ishure ryigako LeBron James, riri hagufi yaho ishure “I PROMISE” ryubatswe mu muji wa Akron. Nk’imvukira, yamenyesheje ko ivyo bigo bizofasha mu bikorwa vy’inkino mu mashure n’inyuma y’amashure, ariko kandi kikazoba ikibanza c’ihuriro ry’urwaruka.

LeBron James arashimishwa n’intambwe agezeko inyuma hafi y’umwaka atanguje igikorwa kidasanzwe, akaba amaze no gushimirwa n’ishirahamwe rya NBA ku mugambi mwiza yatanguje. Ubwiwe arikeza, akanashimishwa n’iterambere rikiriko rirabandanya ry’uwo mugambi. Agira ati:

rino shiramwe rije kugurura imiryango no gufasha biciye mu nkino nkuko nanje vyanshikiye. Nabiciyemwo ndikumwe n’abagenzi banje ariko uno musi naho, ngomba kubikorana na runo rwaruka. Inkino zizotuma abantu baterimbere mu buryo butandukanye mu buzima bwa misi yose, kandi ndishimiye kino kibanza muri rino shure.”

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by