Inter Stars mu rukino rutoroshe yatsinze umurwi wa Muzinga mu rukino rwo ku munsi wa kabiri mu ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri.

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu nkino zo kurondera itike yo kuja mu cicaro ca mbere Primus League imirwi ibiri isanzwe ya Inter stars na Muzinga vyaraye bihuye mu rukino rutari rworoshe aho umurwi wa inter Stars watahukanye intsinzi ku gitsindo kimwe ku busa

Mu rukino rwabereye kuri Stade Prince Louis Rwagasore ku munsi w’imana igenekerezo rya 27 Nzero 2019 rwarangiye umurwi wa Inter Stars isanzwe imenyerezwa na Aime Nzohabonayo utahukanye itsinzi ku gitsindo kimwe ku busa ,igitsindo cabonetetse  mu minota yo mu gice ca mbere aho urukino rwarinze ruhera imirwi yombi ikirondera uko yokwinjiza ikindi gitsindo

Imirwi ibiri isanzwe imenyereye umupira wa hano mun burundi ariko yose yisanze mu cicaro ca kabiri nyuma yo kutigenza neza mu cicaro ca mbere Primus League ariko bitabujije abarorerezi kwereka urukundo iyo mirwi ibiri ko ari igifise ikibanza mu mitima y’abakunzi b’umupira mu burundi,ni urukino rwarabwe n’abantu batari bake bivanye nuko Inter Stars isanzswe ifise abakunzi benshi hirya no hino

Aime Nzohabonayo, umumenyereza wa Inter Stars wanaciye mu murwi wa Muzinga yabwiye IsanoMag ko yaryohewe n’uko umurwi wiwe wigenjeje imbere ya Muzinga ndetse ko uko batanguye iri higanwa ariko bifuza kuriheza yagize ati

Mu vyukuri ndaryohewe ni urukino rwari rukomeye imirwi yose yari yifuza amanota atatu ariko kuri twebwe hoho vyari bikomeye gusa abasore banje bigenjeje neza cane kandi ndashima uburyo twabonyemo aya manota atatu afise ico atumariye kandi twiteguriye kubandanya twigenza uku kugeza ihiganwa rihere”

Photo :11 ba Interstars batanguye mu rukino batsinzemo Muzinga

Uru ni urukino rwa kabiri ku murwi wa Inter Stars mu cicaco ca kabiri itsinze,vyerekana inyota bafise yo gusubira kuduga mu cicaro ca mbere gusa umumenyereza Aime Nzohabonayo abona ko agise akazi kanini mu gisata co kurondera ibitsindo kuko bakinye urukino rwa kabiri batsinda igitsindo kimwe muri rukino ariko kandi akavuga ko bidateye ubwoba kuko umwe muri ba rutahizamu biwe amaze gutsinda ibitsindo bibiri

« Ubiravye wovuga ko abakinyi banje bataraba igori neza ariko kandi ku rundi ruhande wosanga atari bibi cane kubera ko umwe mu bakinyi banje afise ibitsindo 2 mu nkino zibiri gusa trabandanya dukora kugira aba bakinyi bagire ububangutsi imbere y’igori » Aime Nzohabonayo aganira n’itangazamakuru nyuma y’urukino.

Ku rundi ruhande ariko umumenyereza wa Muzinga Prudence Ndayishimiye mu kababaro keshi yabwiye IsanoMag ko atagomba gucika intege kubera gutsinda uru rukino kuko mu rukino habaho gutsinda ,gutsindwa no kunganya,gusa avuga ko afise icizere co kwigenza neza mu nkino zisigaye kuko izo amaze gukina ari nkeya uravye ku nkino zisigaye.

Yavuze ati « Mu bisanzwe gutsinda si vyiza ntawubikunda ariko mu rukino habaho ibintu bitatu habamo gutsinda,gutsindwa no kunganya urumva rero kimwe murivyo bishitse umuntu aravyakira,sinokwihebura ngo vyacitse kuko tumaze gukina inkino 2 gusa mu gihe hasigaye zindi zitari nkeya »

Iyi mirwi ya Inter stars na Muzinga ni umwe mu mirwi ifise kahise kanini mu mupira w’amaguru mu burundi ndetse uyu murwi wa Inter Stars ukaba uri mu mirwi yiganza mu kgira abakunzi batari bake kuva mu mwaka wa 1977 ubonye izuba ndetse muri uyu mwaka ikaba yarashizemo ingufu nyishi kugira barabe ko bogaruka mu cicaro ca mbere

Si urukino rwa Inter stars na Muzinga rwaraye rubaye gusa kuko ku munsi wa gatandatu habaye izindi nkino hirya no hino mu gihugu …

uku niko inkino zagenze

Royal FC 0-1 Top junior FC

Les Eléphants FC 2-1 Les jeunes Athletics

BS Dynamik FC 2-1 Aigle Noir B

Buhumuza FC 2-1 Lumière De Mwumba FC

Unité FC 1-0 Busoni Star FC

Delta Star FC 0-0 Moso Sugar FC

Rumonge City FC 3-1 Volontaire Kanyosha FC

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by