ACBAB:Hamenyekanye uko imirwi izohura muri Tournoi d’ouverture.

Spread the love
  • 24
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    24
    Shares

Buri uko umwaka utashe uwundi ukaza habaho ihiganwa ritanguza ihiganwa rikuru rya Baskeball mu ntara ya Bujumbura aho imirwi ikina ikurakunamo.

Vyari vyitezwe ko imirwi igomba gutomborana uyu munsi ku wa mbere tariki ya 15 Ndamukiza 2019 mu masaha y’umugoroba aho imirwi y’abahungu n’abakobwa yagomba kurara imenye uko izohura muri week end y’amagenekerezo ya 20 na 21 Ndamukiza 2019.

Urunani BBC rwisanze ruzohura n’umurwi wa Dyanamo BBC imirwi yarangije umwaka waheze w’inkino ihanganye cane naho umurwi wa Dynamo BBC witwaye neza ndetse utwara ibikombe hafi ya vyose vyakinwe,mu gihe Urunani BBC narwo ruvuga ko uyu mwaka ari rwabo ndetse bawiteguriye mu buryo bukomeye aho uyu murwi watangaje ko uzokoresha hafi amahera agera kuri miliyoni 40 z’amarundi ,ni rumwe mu rukino iyo rubaye ruba ruri ku rwego rwo hejuru.

Ku rundi ruhande mu bakobwa umurwi wa Les gazelles wo ukaba watomboye kuronka itike udakinye urukino rwo gukurakuranamo kubera igitigiri c’imirwi isanzwe ikina iri higanwa mu bakobwa

Raba uko imirwi izokina mu bahungu no mu bakobwa

Ku wa gatandatu i tariki 20 Ndamukiza 2019

Isaha 13h Toyota :Urunani BBC VS Dynamo BBC

Isaha 15h Toyota :New Stars vs Gymkhana BBC

Ku w’Imana i tariki ya 21 Ndamukiza 2019

Isaha 9h:Toyota:Mutanga United vs Les Hyppos

Isaha 11h: Kern BBC VS Muzinga BBC

No mu bakobwa inkino zikazoba

Ku wa gatandatu 20 Ndamukiza 2019

Isaha 15H:TOYOTA :Urumuri BBC vs Young Sisters

Ku w’Imana i tariki ya 21 Ndamukiza 2019

Isaha 11 h :Toyota :Aigle Noir BBC VS Berco stars

mu gihe umurwi wa Les Gazelles wo tombola yawuhaye kurindira uko zindi nkno zizogenda kugira umenye izo bazohura mu kindi gice

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by