Basketball : Ihiganwa ry’ugushigikira NDAYIZAMBA Rodrigue akitswe n’amagara

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu ntumbero yo gufasha umukinyi wa Basketball yahora akinira umurwi wa Muzinga BBC NDAYIZAMBA Rodrigue akitswe n’amagara,akaba amaze amezi arenga 3 agwariye mu bitaro vya CMCK, aho amaze kubarwa incuro zigera kuri zitatu. Ni muri iyo nzira ishirahamwe rya Basketball mu gisagara ca Bujumbura ACBAB ryateguye ihigwanwa ryo gutororokanya uburyo bwo gusahiriza umuryango wiwe mu nkino zigiye kubera Ku kibuga ca Département des Sports ku magenekerezo ya 5 na 6 Nyakanga 2019.

Imirwi itari mike ibicishije mu barongozi bayo yaremeye gufasha mu gutanga imirwi yabo muri ico gikorwa ciza co gufasha no gushigikira NDAYIZAMBA Rodrigue. Iyo mirwi nayo ni:

Kern BBC

Dynamo BBC

Urunani BBC

Gymkhana BBC

Muzinga BBC

Les Hyppos BBC

Iryo higanwa rikazotangura Ku munsi wa Gatandatu igenerekerezo rya 05 Nyakanga hamwe no Ku w’Imana 06 Nyakanga 2019.

ACBAB ihamagarira abakunzi ba Basketball Kuza gushigikira uyo mwana akitswe n’amagara ngo baheze bagaragaze urukundo k’umukinyi no Ku muryango wiwe,  ariko kandi bereke abavyeyi bose ko Basketball ari umuryango umwe ufashanya mu vyiza no mu ngorane.

Mu kurangiza ihiganwa ku munsi w’Imana  hazoba ibirori bizoba bishigikiwe n’abaririmvyi bakomeye bo mu gisagara ca Bujumbura nka Master land n’abandi. Inkino zikazoba uku:

Ku wa gatandatu: Gymkhana vs Muzinga : 10h

                                Urunani vs Kern: 12h

                                 Dynamo vs Les Hyppos:14h

Ku w’Imana:   ½ ca nyuma

Menya neza: Urukino rwa nyuma (finale) ntirutegakanijwe. Inkino zikazogarukira ku musi w’Imana mu ½ ca nyuma.

#OurBasketballOurPride

#HelpRodrigue

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by