ACBAB:Ihiganwa ry’uyu mwaka riratangura mu minsi mike

Spread the love
  • 6
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    6
    Shares

Ihiganwa ry’urukino rw’amaboko Basketball rimaze iminsi ryararangiye hakaba hitezwe ko irindi ry’uyu mwaka wa 2018-2019 ritangura,ariko rikagenda rihindurirwa amatariki kubera impamvu zitandukanye,ariko ubu uburongozi bwa ACBAB  ryamenyesheje ko iri higanwa riza gutangura vuba mu mpera za week end ya 20 na 21 Ndamukiza 2019.

Iri rihiganwa rya Basketball mu ntara ya Bujumbura rikaba ryari rimaze igihe kitari gito iriheruka ryararangiye ndetse imirwi yose ikaba yariko yibaza igihe iri higanwa rigomba gutangurira kuko muri ACBAB bo bavuga ko ryari gutangura mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarane ariko ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu burundi rikaza kuvuga ko hari bimwe bitegerezwa kubanza gukorwa birimo gutanga ubumenyi ku bahagarikizi n’abamenyereza ku bijanye n’amategeko mashasha uru rukino rutegerezwa gukirikiza.

Isano Magazine yashatse kumenya ukuri kuri inyuma y’uku guteba no gusubizwa inyuma kw’amagenekerezo yo gutangura iri higanwa irondera uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Basketball i Bujumbura Medi Christian  yemerera Isano Magazine ko iki kibazo cabaye ariko bakaza gusanga Federation ya Basketball mu burundi  itarashize inguvu cane kugira ibi vyigwa bivugwa bitangwe ndetse ko ari ivyigwa bitanasaba umwanya munini ,nuburyo atari ikirenga ahubwo ko abona ari izindi mvo zituma bitaba,dusanga ivyiza nuko twovyifatira mu minwe hama inkino zikaba kuko bidasaba ibintu vyishi.

« Twavuganye no muri Federation ya Basketball batubwira ko hari ivyigwa cane cane bijanye n’amategeko no gukarisha ubumenyi bw’abahagarikizi bigomba kubanza gutunganywa mbere yuko ihiganwa ritangura,batubwira ko bakirindiriye uburyo nibwa boneka bazoca batangura gutanga ivyigwa,ariko twebwe nka ASBAB dusanga turiko turasubira inyuma ndetse turiko turateba ,nca negeranye abagize Inama rusangi ya ACBAB ndabashikiriza uko ikibazo kimeze hama dufata ingingo ko tugiye kuvyifatira mu minwe eka mbere bikazotangura mu ndwi iza ku wa mbere gushika ku wa gatatu ku matariki ya 15-17 Ndamukiza 2019,ata gihindutse ,kuko twaje gusanga abatanga ivyo vyigwa aria bantu bo ngaha twama tubonana kandi bama ku bibuga » Christian avugana na Isano Magazine

Medi Christian kandi abwira imirwi itandukanye ko nyuma y’ivyo vyigwa hazoca haba uburyo bwo gutanguza iri higanwa hakinwa inkino muri week end ku magenerekerezo ya 20 -21 Ndamukiza 2019  mu ihiganwa ryo kugurura championat ya ACBAB (Tournoi d’ouverture) ndetse hakazoca hamenyeshwa imirwi uko igomba gukina iri higanwa risanzwe ritangura ihiganwa rikuru rya ACBAB

Photo credit:Internet:ACBAB ivuga ko igiye gufata mu minwe ikibazo co guha ivyigwa abahagarikizi

Ku ruhande rwa federation ya Baskeball twarondeye umushigantange Karuruza asanzwe arongoye iri shirahamwe kugira aduhe umuco ariko turamukena ku murongo wa telefone.

Imirwi itari mike ikaba yari imaze iminsi yidoga yibaza igihe iri higanwa rizotangura na rirya ko yari imaze igihe kitari gito yitegura mu buryo butandukanye harimo kugura abakinyi n’ibindi .

Tubibutse ko umwaka waheze w’inkino muri Basketball warangiye umurwi wa Dynamo ariwo utwaye iki gikombe ndetse ukaba warihariye ibikombe hafi ya vyose vyakinwe mu mwaka uheze aho wajanye hafi ibikombe 5 mu 7 vyakinwe.

Uravye imyiteguro y’imirwi igiye itandukanye ndetse n’inkino za kivandimwe zagiye zirakinwa hirya no hino mu gihugu woha isura ryiza iri higanwa rigiye gutangura kuko ubona ko abakinyi bose n’imirwi yose ifise ishaka ridasanzwe,Akaba ari akaryo keza ku bakunzi b’uru rukino rwihebewe n’abatari bake gusubira kubona inkino z;imirwi bakunda .

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by