Basketball:Heroes cup igiye gukinwa itarimwo imirwi champions

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

igikombe c’intwari gisazwe gikinirwa ngaha mu Burundi mu rwego rwo guha agaciro intwari z’igihugu mu rukino rwa Basketball kigiye gukinwa kidafise imirwi yatwaye igikombe muri championa ya ACBAB no mu gihugu cose ariyo Dynamo ndetse na Les gazelles ku ruhande rw’abakobwa.

Ku mvo zitandukanye zatumye iyi mirwi yitwaye neza itaboneka kumpande zose harimo ko umurwi wa Dynamo BBC waserukiye i gihugu mu ihiganwa ryo mu karere ka gatanu aho bahejeje no gukina urukino rwabo rwa mbere bagatsindwa n’abaganda,mu gihe les Gazelles yo yamenyeshejwe ko itagomba kwitabira iri higanwa bivanye ko nayo igomba kwitabira izo nkino ku magenekerezo ya 21 gushika kuri 26 z’ukwezi kw’icenda 2019 n’ikirangamisi kikaba camaze gusohoka umurwi wa les gazelles utari mu mirwi izokina izo nkino.

Uku niko inkino zizokinwa mu ihiganwa ry’intwari /2019

izi nkino z’igikombe c’intwari (Coupe des Heroes) zigomba gutangura mu mpera z’iyi week end i gitega ku magenekerezo ya 19 mu gihe inkino za nyuma zigomba kuba ku w’imana igenekerezo rya 20 ukwezi kw’icenda aho zizokinwa n’imirwi ya Urunani,Gymkana,Les hyppos na New stars ku ruhande rw’abagabo hama mu bagore Aigle Noirs,young Sisters,Berco Stars na Christ roi .

ku ruhande rwa Les gazelles ishavu riraniga bakaba bavuga ko batumva ukuntu ishirahamwe rya Basketball mu burundi rishobora gufata ingingo yo kubakura mu ihiganwa mu gihe bo batigeze basaba kurivamwo kandi aribo bamenya ingingo bafata ku murwi wabo.

uburongozi bwa Les gazelles bubicishije mu itangazo bahaye itangazamakuru baka bibaza ivyo bibazo vyose eka mbere bagaruka ku ngendo itari nziza ibandanya kuboneka mu burongozi bwa FEBABU ku bijanye no gutunganya inkino no kuramira imirwi imwe n’imwe .

Birabaje kubona FEBABU idufatira ingingo ikadusohora mu ihiganwa itatubajije kandi dukwije ibisabwa vyose kuko turi umurwi watwaye ibikombe vyose bikinirwa ngaha,nta mwana n’ikinono birakiwye guhinduka bagafata imirwi yose kimwe.”

Twagerageje kuvugana ‘uburongozi bwa FEBABU turabakena kuko telefone zabo ngendanwa zikaba zitariko zirakora

Izi nkino zikazotagura Gymkana ihura na New Stars mu gihe Les hyppos izokina n Urunani Basketball Club mu bagabo mu gihe mu bagore Berco Stars ikazohura na Young Sisters mu rundi rundi rukino Christ Roi ikazikina na Aigle Noir,harinderwa izizokina inkino za nyuma Final

Beshi bakaba babona imirwi y’ urunani na Berco Stars ishobora kuronka amahirwe yo gutwara iri higanwa na rirya imirwi yabananiye yose itabonetse muri izi nkino.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by