Basketball:Twiteguye neza uyu mwaka gusumba ikindi gihe cose…Jolis wa Kern BBC

Spread the love
  • 17
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    17
    Shares

Umurwi wa Kern BBC uri mu mirwi imaze iminsi ihagaze neza mu burundi ndetse uyu mwaka ukaba wipanze neza gusumba iyindi myaka yabanjirije uyu nkuko bitangazwa n’umumenyereza w’uyu murwi Jolis wigeze no kuwukinira igihe kitari gito.

Mu gihe ihiganwa rya Basketball mu gisagara ca Bujumbura riri mu gutangura mu mpera za week end ya 20-21  Ndamukiza 2019,umurwi wa Kern uri mu mirwi nawo umaze iminsi witegura ndetse wanashizemo amaraso mashasha mu bakinyi ndetse no mu ndongozi nkuru ziri muri uyu murwi,ndetse bakaba barakinye inkino zitari  nkeye za Kivandimwe bazibonamo intsinzi kandi bamwe mu bakinyi ba kizigenza muri uyu murwi batari barimo harimo nka Alvin wanabaye umukinyi mwiza w’umwaka MVP ndetse na mugenzi biwe basanzwe bavukana bakinana muri uyu murwi.

Umumenyereza wa Kern BBC Mutima Jolis yizeye ko uyu mwaka w’inkino bagiye gutangura uzoba mwiza gusumba iyindi.

Ati”Jewe kuri jewe ndavye abakinyi twazanye novuga ko ari abakinyi beza kandi bariko baramenyerana ,kandi baje bafise inguvu ubona ko baje bafise ivyiyumviro vyo gutsinda,mu vyukuri novuga ko ndavye imyimenyerezo turiko turakora ndetse n’abasore bakiri bato twazanye novuga ko uyu mwaka tuzotanga umwimbu mwiza kandi nukuri ndafise icizere ko kuva muri week end iza tuzoba duhagaze neza”.

Jolis Mutima ariko yanatangaje ko naho bamwe mu bakinyi bari bafise umwaka bagiye mu gihugu c’ubuganda  nka  Amical ndetse na Shingiro abona ko igitigiri c’abaje aribo beshi kandi bazozana inguvu zitari nke gusahiriza abandi bari basanzwe muri uyu murwi.

Ku ruhande rw’abakinyi naho Isano Magazine yavuganye na Alvin ari nawe yanabaye MVP Umwaka waheze atubwira ko ubu amagara yiwe ahagaze neza gusumba ndetse  yiteguriye gutangura Season neza.

“Muri uno mwaka ndiko nditegura naho nari maze iminsi mu karuhuko nahawe n’abaganga ariko ubu ni sawa meze neza ,twagarutse mu kibuga kandi niteguye guterera inguvu zitari nke muri uyu murwi kuko nabo nabonye inguvu bafise Atari nke kandi nabonye beshi mu baje bazofasha umurwi wa Kern guhangana n’iyindi mirwi kandi  turashoboye kandi iyi season Kern irashobora kuja mu bahiganirwa igikombe c’uyu mwaka” Alvin aganira na Isano Magazine.

Umurwi wa Kern kugeza ubu ni umwe mu mirwi iboneka ko yiteguriye ihiganwa ry’uyu mwaka uhereye ku bakinyi,uburongozi ,umumenyereza Jolis wagarutse muri uyu murwi nyuma yo kuba yari yawuvuyemo kubera umwanya wiwe utari ikirenga.

Kern mu ihiganwa ryo kugurura championnat KERN BBC ikaba izohura n’umurwi wa Muzinga BBC ku munsi w’imana igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2019 isaha 11h.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by