Bimwe mu vyaranze ubuzima bwa Emiliano Sala aheruka guhitanwa n’isanganya ry’indege

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu murwi wa Nantes yambara i nomero 9, bamutazira Emi. Ku mazina yose ni Emiliano Raúl Sala Taffarel yavukiye mw’i karatiye ya cululu mu ntara ya Santa Fe mu gihugu ca Argentine italiki 31/10 /1990. Avukana n’umukobwa yitwa Romina Sala papa wabo ni Horacio Sala mama wabo nawe yitwa Mercedes Sala. Emi yatanguye gukina afise imyaka 4 mu nkino zo muri karatiye. Ku myaka 15, niho yinjira mwishure ry’umupira w’amaguru rya Bordeaux FC ariko rikorera ibikorwa vyaryo muri Argentine. Ku myaka 20 agenda mu gihugu c’Ubufaransa kubandaniriza mu murwi wa Bordeaux Fc .


Hagati ya 2011 na 2015 , umurwi wa Bordeaux wamutije mu mirwi ya Orléans, Niort na Stade malherbe de Caen. Mw’uwo mwaka wa 2O15 niho umurwi wa Nantes wamugura amafaranga angana n’umuliyoni umwe w’amanyaburaya. Mu myaka itatu ari muri Nantes yaramaze gukina inkino 133 atsindamwo ibitsindo 49. Ku miliyoni zababa 20 z’amanyabulaya, Emi yaraguzwe n’umurwi wa Cardiff city aho yoba yaragiye guhembwa amafaranga angana 300 000 vy’amanyabulaya ku kwezi.

Cardiff city ntiyihuta gutanga amafaranga yari yaguze Emiliano Sala

Mu gihe Cardiff city yari yamaze kugura uno mukinyi, amafaranga yoyo ntiyari bwayatange. Ariko Nubwo bimeze uko, Cardiff city ntihakana ko itazotanga ayo mafaranga ariko igasaba ko amatohoza yobanza gukorwa hamenyekane vy’ukuri icabiteye. Aho ni mu gihe bivugwa mu ntamatama ko equipe ya Bordeaux ari nayo yamuramuye ngo yoba yatanguye gusaba ibice 50% ku mafaranga yaguzwe nk’uko bavyemererwa n’amategeko.

Twobamenyesha ko Emi yari yaburiwe irengero italiki 21 nzero uno mwaka ari mu ndege yo mu bwoko bwa Piper PA−46−31OP Malibu imujana I Cardiff imukura I Nantes . Ikiziga ciwe kikaba giheruka gutorwa ariko umudereva w’indege we nubu ikiziga ciwe ntikiratorwa. Sala ashengeye akiri umusore asize imbwa yakunda cane yise Nala ninayo babana aho yarasanzwe aba I Nantes. Hagati aho isanomag, twipfurije umuryango wa Horacio Sala kwihangana mwa bino bihe bibabaje barimwo.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by