BURUNDI−GABON : Aubameyang ashobora kutitaba urukino Gabon izokina n’Uburundi nkuko yabimenyesheje.

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Pierre Emerick Aubameyang , umusatirizi w’umurwi wa Arsenal kandi akinira n’umurwi nserukiragihugu wa Gabon yamenyesheje biciye ku mboneshakure ya canal+ Ko ashobora kutaza gukinira Gabon murukino ruzobahuza n’Uburundi .

Hari uno musi igenekerezo rya 02/03/2019 aho umurwi wa Tottenham hospur wari wakiriye Arsenal. Urukino rwarangiye iyo mirwi yose inganije 1−1. Uwo mukinyi rero ntiyari yatangujwe muri urwo rukino rwuno musi. Mu karuhuko, igice ca mbere giheze, umunyamakuru wa Canal+ niho yamubaza ivyo gukinira Gabon ku rukino ruzobahuza n’Uburundi itariki ya 23/03/2019.

Aubameyang ntiyariye umunwa, yagize ati “ ndipfurije igihugu canje gutsinda maze baronke itike yo kuja mu gikombe c’afrika, ariko ibintu bikimeze uko biri, ngira nzoza ikindi gihe”  ariko rero, ikiganiro kiramvuye kizoca kuri canal+ kumusi wa mbere igenekerezo rya 04 /03/2019 mu kiganiro talents d’Afrique.

Ivyo bibaye mu gihe ku musi wa kane umumenyereza wa Gabon Daniel Cousin asinye amasezerano yo kumenyereza Gabon anahabwa imishahara y’ibirarane vy’amezi agera kuri 15 yarafitiwe kuva na kera akiri manager w’umurwi wa Gabon

Uko biri kwose, Aubameyang atitavye akamo ko gukinira Gabon ikina n’Uburundi vyobabaza abarundi bake.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by