Burundi  na Gabon : Urubanza rudasanzwe k’Uburundi n’Abarundi bose.

Spread the love
  • 55
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    55
    Shares

Ku wa 23 Ntwarante 2019, igihugu c’Uburundi citeguriye urukino rwa nyuma mu matsinda,mu nkino z’ukurondera itike y’ukuja mu gikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Misiri mu kwezi kwa Gatandatu uyu mwaka 2019.

Mu ntumbero y’ugutegura urwo rukino rwa nyuma mu matsinda, aho Uburundi buzokwakira igihugu ca Gabon ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, imyiteguro yaramaze gutangura mu bijanye n’ugutunganya neza urwo rukino. Nk’uko biherutse gushikirizwa n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, Umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo, hari ingingo nyishi zimaze gufatwa mu ntumbero kugira Uburundi bushike ku ntsinzi, izotuma buja muri kahise k’umupira w’amaguru muri Afrika. Zimwe muri izo ngingo ni nk’izi

  1. Umutekano

Nkuko bimaze iminsi bimenyerewe ku bibiga hirya no hino kuva mu nkino za CECAFA z’abakiri bato zabereye ku b ibiga vyo mu ntara hagati ,vyaribonekeje cane ko inzego z’igipolisi zongererewe ubumenyi bwo gucungera umutekano ku bibuga imbere canke inyuma ya stade,Mu kiringo gito gisigaye, hagiye gusubira gutanguzwa inyigisho ku ba polisi z’ugucungera umutekano ku kibuga n’inyuma y’ikibuga,aha biravugwa ko amwe mu mabarabara makuru makuru yegereye ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, azokugarwa mu ntumbero y’ukugabanya urusobekerane rw’imiduga n’abantu (embouteillage).

Abarorerezi bakazotangura gutonda imirongo kuva kuri ayo mabarabara makuru makuru. Ukugurisha amatike y’ukwinjira mu kibuga. Mu ntumbero y’ukugabanya ubwinsi bw’abantu binjira ata matike bafise, hafashwe ingingo y’uko umuntu wese azokwinjira afise itike imwe. Mu kurwanya ubusuma bw’ugusubiramwo amatike, ayo matike yaramaze gukoreshwa mu makungu, aho atawuzokoroherwa mu kuyasubiramwo.

Kugira hinjire mu kibuga, abarorerezi bake beza, ibiciro vyaradugijwe mu bice vyose vyakira abantu: a) Impande z’ikibuga: 5000 Fbu b) Ubwugamo A na D : 20000 Fbu c) Ubwugamo B na C : 50000FBu d) Ubwugamo bw’iteka: 500.000 Fbu ( itike y’uguterera umugwi nserukira gihugu) Ubwugamo bw’iteka bugenewe umurundi wese yipfuza guterera intamba mu rugamba, guhera k’umurundi muto, gushika ku ndongozi nkuru z’igihugu, aho nazo nyene zisabwa gutanga iyo ntererano kugira zije muri ico kibanza.

2.  Ugutegura abakinyi

Mu ntumbero y’ugutera intege abakinyi b’umugwi nserukragihugu w’Uburundi, indongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu gihugu, zamaze gutegura amahera angina n’imiliyoni mirongo indwi na zitanu (75 000.000 Fbu),kugira ngo ibikorwa vyose bijanye n’ugutunganya urwo rukino. Buri mukinyi akaba yateguriwe amafaranga angina n’imiliyoni zitatu (3.000.000 Fbu), mu gihe boba bakuyemwo igihugu ca Gabon.

Naho imyiteguro imeze uko muri ivyo bisata ariko beshi bariko baribaza uko bamwe mu bakinyi b’uyu murwi bahagaze mu mirwi basanzwe bakiniramo ndetse beshi bikibonekeza ko batari ku rwego rwiza eka mbere bamwe muri bo bakaba badafise n’imirwi kugeza ubu,aha twovuga nka Nizigiyimana Karim,Nduwarugira Christophe n’abandi bafise imirwi ariko ikaba iri mu ma shampionat ababayabaye,

Ku rundi ruhande ariko mu gihugu ca Gabon bari mu myiteguro nabo b’uru rukino na rirya bazi neza ko intamba mu rugamba atari zo guta mu nda nsa ,nyuma yo kunganyiriza iwabo igitisindo kimwe ku kindi ,ibimenyeshamakuru vyaho bivuga ko Daniel Cousin umumenyereza wa Gabon yoba yaramaze kwemererwa ibitari bike kuri uru rukino ndetse ko bagomba guhura na kizigenza w’uyu murwi asanzwe akinira umurwi wa Arsenal mu bwongereza ,ndetse mu rwego rwo kwitegura no kumenyera ikirere c’ino bagomba kumara iminsi itari mike mu gihugu kibanyi Rwanda mbere y’uko baza mu burundi.

Abarundi bose aho bava bakagera barindiranye igishika uru rukino na rirya babona ko ariyo mahirwe akomeye u burundi bufise bwo kuja muri CAN kandi bishoboka mu gihe boba bigenje neza imbere ya Gabon bibasaba kubona inota rimwe gusa kugira bakatishe itike ryo kuja mu Misiri 2019

Tubibutse Uburundi busabwa kurondera inota rimwe hano mu gisagara ca Bujumbura, imbere y’igihugu ca Gabon, basanzwe bakurikirana mw’itsinda rya C, riyobowe n’igihugu ca Mali camaze kuronka uburenganzira bw’ukuja muri CAN ya 2019.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by