Burundi:Itangazamakuru ry’inkino mu Burundi rirarabana ay’ingwe na FFB kubera urukino rwa Gabon

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu kiganiro n’abanyamakuru b’inkino mu Burundi cabaye ku munsi wa gatanu igenerekerezo rya 22 Ntwarane 2019 mu nyubakwa z,ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi catanzwe na Youssuf Mossi asanzwe atwara igisata c’amahiganwa muri FFB yabwiye abanyamakuru ko ibibanza vyabo ku rukino rwa Gabon vyagabanutse Ingingo itaryoheye abanyamakuru hafi ya bose bari bitabiriye iki kiganiro.

Iyi ngingo iri mu zatumye habaho guterana amajambo ku mpande zose mu kindi kiganiro Youssuf Mossi yari yatanze ku munsi wa kabiri ,mbere gato ko haba urukino rwahuza umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 23 wakinye na Congo Brazzaville bikaza kurangira imirwi yombi inganije ubusa ku busa,muri iki kiganiro niho hatanguye kumenyekana ingingo yafashwe n’uru rwego rurongoye umupira w’amaguru mu Burundi FFB yo kugabanya ibibanza n’igitigiri c’abanditsi n’abanyamakuru bagomba kwinjira ku rukino rw’Intamba mu rugamba na Gabon,ibintu atatevyeko cane ariko vyaje gusigara bivuganwako n’abanyamakuru bari bitabiriwe iki kiganiro n’abasanzwe bari mu gisata ca Relation Publique muri iri shirahamwe ry’umupira w’amaguru aribo Diege Nifasha na Kibuga Ramadhan,ariko imyidogo ibandanya iba myishi ku banyamakuru.

Amakuru isano Magazine rikura mu begereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru yemeza ko habayeho kugabanya ibi bibanza kubera gushaka kwegeranya uburyo bwishi kuri uru rukino gusumba uburyo bwahora bwegeranwa ndetse bamwe bakaba banatanga igitigiri c’imiliyoni zababa ijana,zoba arizo zikenewe kuri uru rukino akaba ariyo mpamvu nyamukuru yoba yaratumye ivyo bibanza vy’abanyamakuru bikurwaho kugira bijemo abandi bazoba barishe amatike.

Mu bisanzwe bivugwa ko abamenyeshamakuru bazoba bemerewe kwegera ikibuga ari abazoba bafise uburenganzira canke accreditation, abo nabo abemerewe kwegera ikibuga akaba ari abafata amafoto n,abafata amasanamu ,mu gihe abandi bose bagomba kuba bari muri tribune A ,mu bisanzwe isanzwe yakira abarorerezi baba barishe amatike,vyumvikana ko batari gutanga uburenganzira canke accreditation ku gitigiri kinini c’abanyamakuru kandi bafise ibiharuro vy’amahera bivugwa ko bagomba gushikana.

Mu nsiguro zitangwa kur iki kibazo ,amakuru ava muri FFB avuga ko habayeho izo mpinduka kubera ko urwego rwa CAF rugenzura uko inkino zitegurwa ariho bazoba bari kandi bashaka kwerekana isura nziza ,aha umuntu akaba yokwibaza nimba uru rwego rwarasivye mu zindi nkino zabereye kuri iki kibuga haba ku rukino rwa Mali,canke Sudan yo mu majepfo,eka n’izindi nkino mpuzamakungu zisanzwe zibera kuri iki kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore kubera ko abanyamakuru baba bateguriwe ibibanza kandi bitari bike ntibigire ico vyonona bivanye n’uko inyubako z’iki kibuga zimeze,umuntu kandi arashobora kwibaza nimba hoba hari rapport yoba yaravuye muri CAF yerekana ko ibibanza vyicaramo abamenyeshamakuru b’inkino bibangamiye amategeko yo gutegura no gutunganya inkino mpuzamakungu,Ibibazo wibaza wenyene ariko ukabiburira inyishu kuko ata nsiguro irenze iyo abanyamakuru bahawe.

Iki kibazo catumye habaho kurabana ijisho ritari ryiza hagati y,abanyamakuru b’inkino n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB catumye uruganda rwa Isano Magazine rurondera zimwe mu ndongozi z’abanyamakuru b’inkino bahurikiye mu ishirahamwe AJSB (Association des Journalistes Sportifs du Burundi) uwavuganye na Isano Magazine atashatse ko amazina yiwe avugwa muri iyi nkuru yayibwiye ko bibabaje cane kubona habaho gukumirwa kw’abanyamakuru bakora akazi kabo ka minsi yose mu rwego rwo gutanga amakuru bayageza ku benegihugu na rirya aribo jisho ryabo aho inkino zose ziba ziriko zirabera,avuga kandi ko atabashije kubonana n’abatwara ishirahamwe rya FFB ngo bayage kuri iki kibazo.

Birababaje cane kubona vyagenze kuriya,bariya (Abanyamakuru b’inkino) ni intumwa z’abenegihugu kuba batabashije kubona uburenganzira bwo kuja gukora akazi kabo ka minsi yose ku rukino nka rurya rwitezwe n’abarundi ndetse n’amakungu ni ikibazo gikomeye

Umurongozi wa AJSB Liliane Nshimirimana nawe yabwiye IsanoMagazine ko naho ikibazo cabaye asaba abanyamakuru ba Sport kubandanya ubumwe no kubandanya bakora kinyamwuga kuko arivyo biyemeje ,yatumenyesheje kandi ko azogira ico ashikirije kuri iki kibazo amaze kuvugana n’abajejwe igisata co kumenyekanisha amakuru ca FFB.

yavuze ati”Nzogira ico nshikirije maze kuvugana na bagenzi bacu bari mu gisata co kumenyekanisha amakuru muri FFB,yibutsa kandi ko AJSB isanzwe ihurikiye muri AIPS (ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku isi) kandi AJSB ikaba ikorana na FIFA ariyo mpamvu abona abajejwe kumenyesha amakuru muri FFB bokorana na AJSB mu buryo bworoshe,anaboneraho akaryo ko guhamagarira abanyamakuru bose abemerewe n’abatemerewe gukurikirana urwo rukino ko bogumana ubumwe bagashigikira umurwi w’Intamba mu rugamba”

Uru rukino u Burundi buzokina na Gabon busabwa kunganya gusa bukaronka itike yo kuja mu gihugu ca Misiri,aha beshi bakaba bibaza uko aba banyamakuru bazobandanya batanga amakuru kuri uyu murwi mu gihe biboneka ko uru rukino batigeze boroherwa kubona amakuru kuva uyu murwi winjiye muri local kuko imyimemyerezo yose yabaye atanumwe yemerewe guhonyora ku kibuga canke ngo hatangwe amakuru mu buryo bworoshe,gusa abandi bakemeza ko bitazoba ingorane gutangaza amakuru y’uyu murwi kuko ari uw’abarundi bose kandi ico abajejwe ari kumenyesha amakuru y’uyu murwi mu bihe vyoroshe n’ibihe bikomeye.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by