Burundi:Vital’o yahinduye indongozi Jamal Sefu asubira kuba President.

Spread the love
  • 16
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    16
    Shares

Inama rusangi yahuje abakinyi,abakunzi n’abarongozi ba Vital’o yateranye ku munsi w’imana  igenerekerezo rya 14 Ndamukiza  yarangiye hafashwe ingingo yo gutora indongozi shasha mu buryo bwo gusubira kubaka umurwi wabo bavuga ko wari ugeze aho umwansi ashaka.

Iyi nama rusangi yabaye nyuma y’ibibazo vyagiye biravugwa ko umurwi wa Vital’o wifuza kwitandukanya n’umuyobozi wabo Bikorimana Benjamin nyuma y’Imyaka 6 ayirongoye mu buryo bw’infatakibanza aho bavuga ko muri iyi minsi umurwi wari usigaye umeze nabi kubera ko atari agishaka gukorana n’abandi bo muri uyu murwi.

Inama kandi yari yitabiriwe na bamwe mu bakinyi bakomeye baciye muri uyu murwi ndetse bubatse amazina yabo hanze no mu Burundi baciye muri uyu murwi nka Juma Mossi,Saido Ntibazonkiza ,Mbuyi Jean Marie n’abandi bakinyi bakinira Vital’o muri ibi bihe.

Haba aba bakinyi bakomeye baciye muri Vital’o ndetse n,abakiri muri uyu murwi bemeje ko igihe kigeze kugira habe impinduka zigomba gutuma uyu murwi usubira kuba umurwi ukomeye wubatse izina ndetse n’icubahiro mu gihugu hagati ndetse no hanze na rirya ari wo murwi wonyene umaze kuzana igikombe ca Cecafa ndetse no gushika kure mu ihiganwa ry’afurika ry’imirwi yatwaye ibikombe iwabo.

Juma Mossi ati “Vital’o ni umurwi mwiza kandi twese turabizi,jewe mbere yuko nkina muri uyu murwi nabanje kuba umukunzi wayo kuko wari ufise abakinyi beza kandi bafise ubuhinga bwishi,kwisanga rero ndiko ndakinana nabo vyari ivya agaciro gakomeye,nubu niko bigomba kumera haba abatwara uyu murwi abakinyi ndetse n’abandi bose bagomba kuba bafise urukundo kuri uyu murwi kuko bigoranye ntihazobura abawukunda bawurwanira kandi bakawufasha vyishi”.

Abakinyi bakinira uyu murwi muri uyu mwaka barongowe na captain wabo Kiza Fataki yagarutse ku kamaro k’umumenyereza wabo Kanyankore Gilbert Yaounde ndetse aramushimira ko muri ibi bibazo vyose yabaye umuvyeyi gusumba uko yabaye umumenyereza,ndetse abwira abari muri iyi nama ko iyi season yose iheze bahembwe ukwezi kumwe ariko Younde yabandanije kubabera umuvyeyi abahumuriza ndetse abaremamo icizere c’akazoza bagasanga bakinye kandi batsinze.

Jamal Sefu yasubiriye guhabwa umurwi nyuma yaho atangiye imihoho mu mwaka wa 2013, akaba azofashwa na Evariste Mukurarinda nka Vice President,Manirambona Omar nk’umubitsi (Trésorier) mu gihe Secretaire ari Gahungu Remy,mu gihe ibindi bisata bizoshirwamo mu minsi iri imbere kugira Comite ikwire neza yose.

Indongozi shasha ariko kandi zashimiye umushingantahe Benjamin Bikorimana mu gihe cose yarongoye uyu murwi kuko ari ibihe bitari vyoroshe kandi yafashije uyu murwi mu bitari bike ndetse bagatwarana ibikombe bitari bike,ndetse bakaba biteguye kumushimira mu gihe co guhana umurwi .

Indongozi shasha zikaba zifise inshingano zo kurondera abakinyi bari ku rwego rwiza ndetse no gufasha umurwi kuva muri ibi bibazo vy’ubukene vyari vyabaye ndanse mu bakinyi ba Vital’o kugira uyu murwi usubire uje ku rwego rwiza rw’igitinyiro wari usanganwe no gusubira gutwara ibikombe ukuri kwamye.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by