CAN 2019: U Burundi buzoroswa agashirukabute ka 600 000 vyama dollar,arenga umuliyaridi mu marundi.

Spread the love
  • 41
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    41
    Shares

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF ryatangaje igitigiri c’amahera buri murwi wabonye itike yo gukina igikombe c’afrika kizobera mu misiri uyu mwaka wa 2019 ugomba kuronka ndetse CAF inatangaza ko yongereye agaciro k’uwuzotwara iki gikombe.

Ahmad asanzwe arongoye iri shirahamwe rya CAF yabwiye radio y’abafaransa RFI ko buri murwi wose waronse itike yo gukina iri higanwa izoronka amahera agera ku bihumbi 600 000 vy’ama Dollar y’amerika ayarenga mu muliyaridi w’amarundi 1 080 000 000 , mu gihe umurwi uzobasha gutwara iki gikombe uzobasha guhabwa imiliyoni 4.5 z’ama dollars .

Inkuru Isano Magazine ikesha Afrik Foot imenyesha ko muri iri higanwa bafashe ingingo yo kongereza amahera ahabwa umurwi utahukanye aho bawuvanye kuri miliyoni 4$ bakageza kuri Miliyoni 4.5$ kimwe mu bintu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika ryashimiwe n’abatari bake.

Kimwe nk’ibindi bihugu U Burundi bukaba buzoronka kuri iyi bahasha izohabwa iyi mirwi yamaze kuronka itike yo kuja mu gihugu ca Misiri,Bikaba ari ku ncuro ya mbere U Burundi bugiye kuronka amahera angina uko avuye kubera kwitwara neza k’ umurwi w’Intamba mu Rugamba uyu mwaka.

Twobibutsa ko Intamba mu rugamba ziri mu Itsinda B aho riri kumwe n’umurwi wa Nigeria,Guinea na Madagascar aho bazokinira mu gisagara ca Alexandriya mu gihe urukino rwa mbere Intamba mu rugamba izohura na Nigeria.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by