CAN:U Burundi bwisanze mu itsinda rya kabiri riyobowe na Nigeria.

Spread the love
  • 26
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    26
    Shares

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba wisanze mu itsinda ritoroshe rya kabiri mu mahiganwa y’igikombe ca afrika kizobera mu gihugu ca Misiri mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka wa 2019, u burundi bukazokinira mu gisagara ca Alexandrie

Kuva i tariki ya 23 Ntwarane 2019 u burundi buronka itike yo gukina iki gikombe ku ncuro yabwo ya mbere abatari bake babandanije bibaza imirwi izoba iri hamwe n’igihugu c’uburundi mu itsinda rimwe,ikaba iraye imenyekanye

Tombola yariko ibera mu Misiri irangiye u Burundi bugiye mu Itsinda rya Kabiri B ririkumwe n’ibihugu nka Nigeria,Guinea ndetse na Madagascar igiyeyo nayo ku ncuro yabo ya mbere ariko ikaba yarakoze uko ishoboye kose irondera bamwe mu bakinyi bakomeye bakina ku mugabane w’ i Burayi barimo nk’uwitwa Jeremie Morel waciye mu mirwi ikomeye mu cicaro ca mbere mu bufaransa.

Igihugu ca Nigeria kiri kumwe n ‘u burundi kimaze kubaka amateka atari make muri aya mahiganwa kuko kimaze gutwara iki gikombe incuro 3 mu mwaka wa 1984,1994 no mu mwaka wa 2013,ikaba idaheruka iki gikombe ariko uyu mwaka ikaba iri mu mirwi ikomeye ndetse ihabwa amahirwe yo kwegukana iri higanwa bivanye na bamwe mu bakinyi bakomeye ifise barimo Vincent Aboubakar ,Ahmed Mousa,n’abandi batari bake ndetse baherutse kuva gukina igikombe c’isi cabereye mu Misiri.

Ku rundi ruhande umurwi wa Guinea conacry ni umwe mu mirwi iri ku rwego rwiza bivanye n’uko uriko uratera imbere muri iyi myaka ndetse benshi bakurikirana umupira wa afrika hafi bemeza ko uyu murwi wa Sili Nationale usanzwe umenyerezwa na Paul Pit uri ku rwego rw’imirwi yokwegukana iri higanwa naho ahantu kure washitse muri iri higanwa ari mu mwaka wa 1976 babaye aba gatatu mu ncuro 12 bamaze kuja muri iri higanwa,uyu murwi uyobowe n’abakinyi nka Naby Keita akinira Liverpool,ibrhima Traore akinira Borussia Mönchengladbach n’abandi.

Umurwi wa Madagascar ni wo murwi twovuga udafise amateka manini kuko nabo ari ku ncuro ya mbere baronse itike yo kuja mu gikombe c’afrika c’ibihugu nyuma y’imyaka myishi ariko ukaba warikoze kuri bamwe mu bakinyi bakina hanze y’iki gihugu bafise amamuko muri iki gihugu nkaJeremie Morel n’abandi.

Muri make twovuga ko ari itsinda rigendeka kandi rikinika ku buryo bateguye neza umurwi nserukiragihugu bagashiramo inguvu kuri bimwe mu bisata vyabonetse ko bitameze neza ihangiro Intamba mu rugamba zihaye zo kurenga amatsinda ryoheza rigashika.

U burundi mu itsinda rya kabiri hamwe na Nigeria

Raba uko tombola yashize ibihugu mu matsinda

Groupe A : Egypte, République Démocratique du Congo, Ouganda, Zimbabwe

Groupe B : Nigeria, Guinée, Madagascar, Burundi

Groupe C : Sénégal, Algérie, Kenya, Tanzanie

Groupe D : Maroc, Côte d’Ivoire, Afrique du Sud, Namibie

Groupe E : Tunisie, Mali, Mauritanie, Angola

Groupe F : Cameroun, Ghana, Bénin, Guinée-Bissau



V

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by