CanU20:Intamba zaronse inota rimwe mu rukino rwabahuje na Niger

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu rukino rugira kabiri rwabahuza na NigerU20, Intamba zaronse inota rimwe inyuma yo kunganya nuwo murwi ibitsindo bitatu ku bindi.Urukino rutari rworoshe ku murwi w-intamba inyuma yaho batakarije urwa mbere bakinye na Nigeria.Ariko kandi n’icizere cagarutse co kubandanya mu 1/2 ca nyuma.


N’urukino rutari rusanzwe kuko igice ca mbere carangiye Niger iri imbere ku bitsindo 2 vyinjijwe na Issah Salouh (18′) hamwe na Kairou Amoustapha (42′) ku gitsindo kimwe c’intamba cabonetse imbere yo kuja kuruhuka cinjijwe na Irakoze Saïdi (45′).
Mu gice ca kabiri NigerU20 yabandanije isatira banaronka igitsindo ca gatatu c’umukinyi Mahamadou Sabo (56′).Inyuma y’akanya gato Jules Ulimwengu yinjiye asubiriye Pascal Ramazani atsinda igitsindo ca kabiri c’intamba (73′), haciye iminota itatu KANAKIMANA Bienvenu atsinda igitsindo ca gatatu(76′) canatumye umurwi unganya (3-3) banaronka inota rimwe mu nkino zibiri bamaze gukina.

Inota rimwe Intamba U20 baronse ryatumye haboneka amahirwe yo gushobora kubandanya mu 1/2 c’ayo mahiganwa , Imbere yuko bakina urukino rwa nyuma na Afrika y’epfo. Gushika ubu imirwi ihagaze uku inyuma y’inkino zibiri zimaze gukinwa:
-Nigeria:amanota 4, igitsindo 2
-Niger:amanota 2, ibitsindo4
-Afrika y’epfo:amanota 2, igitsindo 1
-Burundi:inota 1, ibitsindo 3

Intamba U20 zisabwa gutsinda urukino rukurikira bazokina na Afrika y’epfo kugira bashobore kuronka amahirwe yo kuja mu ca kabiri ca nyuma, aho ni mu gihe Nigeria izoba yatsinze mu rundi rukino.Igikorwa kigoye ariko gishoboka ku murwi w’Intamba batarenza imyaka 20 mu gihe amakosa yagaragaye yoba yakosowe.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by