Elvis Kamsoba ati “ Abakunzi b’intamba mu rugamba banyitegeko ibitsindo n’imipira ivamwo ibitsindo (passes décisives)… … ”

Spread the love
  • 25
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    25
    Shares

Nkuko twari twarabibamenyesheje mu makuru yacu yo misi iheze,Elvis Kamsoba  asanzwe akinira umurwi Melbourne Victory club wo mu cicaro ca mbere muri Australia aremeza ko ku bice 90%  azokinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu gikombe ca CAN2019. Aganira n’isanomag, Kamsoba yavuze ko Uburundi bukina umupira mwiza. Yagize ati : “ Nariko ndakurikirana urukino Uburundi busezerera Gabon. Bufise umupira mwiza n’abakinyi babishoboye. Naho urukino rwarangiye umutima ugira utuvemwo ”

Kamsoba asanzwe akina hagati ariko amera nk’uwusatira muri Melbourne Victory Club aremeza ko agiye gukinira umurwi nserukiragihugu mu nkino za CAN2019. Tumubajije ico abarundi bomwitegako, yamenyesheje ko afatiye k’uruhande asanzwe akinamwo, ashobora gutsinda ibitsindo canke agatanga imipira ivamwo ibitsindo (passes décisives)

Twobamenyesha kandi ko Elvis Kamsoba, nkuko avyivugira, azoba afise umwanya ukwiye mu kwezi kwa gatanu.“ ihiganwa turimwo ubu ino muri Australiya rizoba risa nirirangiye, rero umwanya uzoba uriho kandi ukwiriye. Ndizera ko nzoba ndi kumwe n’abandi bakinyi b’Uburundi mu misi yo kwitegurira iryo higanwa”

Twobibutsa ko Elvis Kamsoba yasinye mwuwo murwi wa Melbourne victory club muruku kwezi kwa nzero/2019 aho yahawe nomero 24. Akaba yasinye amasezerano y’amezi 18 awukinira. Elvis Kamsoba w’imyaka 22 afise kandi mutoyi wiwe yitwa Pacifique Niyongabire w’imyaka 18 akinira umurwi wa Adelaide United.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by