Elvis Kamsoba: “sindafata ingingo y’ igihugu nzokinira hagati y’uburundi na Australia ariko umutima wanje ahanini uhengamiye ku Burundi

Spread the love
  • 123
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    123
    Shares

Umukinyi w’umurundi Elvis kamsoba asanzwe akinira umurwi wa Melbourne victory club wo mu cicaro ca mbere muri Australia aganira n’isanomag yatumenyesheje ko gukinira Uburundi bigishoboka naho atarafata ingingo ya nyuma kuko n’igihugu ca Australia kimaze kumwegera kimusaba kugikinira

Isanomag: Elvis Kamsoba ari hamwe umurwi w’intamba mu rugamba uguhamagaye wokwitaba?

Elvis Kamsoba: Gukinira Uburundi ndabishaka cane kuko n’igihugu c’amavukiro ariko kuri uru rukino ruzohuza Uburundi na Gabon ntivyokunda kubera mfise ibindi bimfatiriye cane mu murwi wanje wa Melbourne victory club.

Isanomag: mbega igihugu ca Australia coco ntikimaze kukwegera kikubaza ko wogikinira?

Elvis Kamsoba: ego biramaze gushika barambaza ibijanye no gukinira Australia ariko nta ngingo ntabanduka ndafata gushika uno musi.

Isanomag: hagati y’Uburundi na Australia n’ikihe gihugu wipfuza kuzokinira muri kazoza?

Elvis Kamsoba: gushika uno musi nkuko nabibabwiye sindafata ingingo ntabanduka y’igihugu nokinira muri ivyo vyompi ariko ndumva umutima wanje ahanini uhengamira ku Burundi bwanyibarutse.

Isanomag: Urumva rero ari hamwe Uburundi bukatishije itike yo kuja mu gikombe ca Afrika kizobera muri Egiputa uno mwaka woza kubufasha ari hamwe wotumwako?

Elvis Kamsoba: Ndibaza ko noza gufasha igihugu canje c’Uburundi ntumweko naho ntarafata ingingo ya nyuma kubijanye n’iguhugu nzokinira.

Isanomag: Hoba hariho bamwe mu bajejwe umupira mu Burundi bamaze kukwegera bakubaza ko wokinira Uburundi?

Elvis Kamsoba: Ego bariho bamaze kubimbaza.

Isanomag: Tuvuge gato ku murwi wawe wa Melbourne victory club, uwo murwi uwubona gute uwugereranije n’iyindi mirwi ikomeye yo muri Australia? Mbega weho ubona uri ku rugero rumeze gute uravye abandi bakinyi mukinana?

Elvis Kamsoba: Umurwi ndimwo wa Melbourne victory club, n’umurwi ukomeye ngaha muri Australia ugereranije n’iyindi mirwi.N’umurwi uhagaze neza kandi wanatwaye igikombe ca championnat y’icicaro ca mbere mu mwaka uheze. N’umurwi kandi urimwo bamwe mu bakinyi bakiniye igihugu ca Australia mu gikombe c’isi yose giheruka kubera mu Burusiya . Kubijanye n’urugero rwanje narwo, maze imisi ntanguzwa mu kibuga nkanatanga ya mipira ivamwo ibitsindo (passes décisives) Muri make ndiko ndigenza neza.

Twobamenyesha ko Elvis Kamsoba yasinye mwuwo murwi wa Melbourne victory club muruku kwezi kwa nzero/2019 aho yahawe nomero 24. Akaba yasinye amasezerano y’amezi 18 awukinira. Elvis Kamsoba w’imyaka 22 afise kandi mutoyi wiwe yitwa Pacifique Niyongabire w’imyaka 18 akinira umurwi wa Adelaide United. Twobamenyesha kandi ko Kamsoba akinana n’uwundi mukinyi w’Umurundi yitwa Thel Iradukunda. Gusa wewe akinira Melbourne Victory club B. Abo bakinyi mugihe bokurikiranirwa hafi n’Uburundi boshobora kubukinira mu myaka iza. Isanomag twiyemeje kubandanya dukurikirana amakuru yabo.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by