Enock Nsabumukama Arajwe ishinga no kudahamagarwa mu ntamba

Spread the love
  • 323
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    323
    Shares

Umwe mu bakinyi beza bakiri bato U burundi bufise ndetse bakina muri shampionat ikomeye yo muri Zambia mu murwi wa Zesco United arajwe ishinga no kudahamagarwa mu murwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba mu gihe abona ko ariko yigenza neza mu murwi wiwe.

Enock yashitse mu murwi wa Zesco United yo muri Zambia mu gihe uyu murwi wari uvuye mu burundi gukina na Messager Ngozi bikaza gutuma uyu murwi ukunda uyu mukinyi ndetse bikaza kurangira bamuguze arikumwe na mugenzi wiwe w’umunyegori Ntibahezwa Dieudone ariko kugeza ubu uyu musore akaba ari umwe mu nkingi za mwamba z’uyu murwi aho ndetse amaze kwegukana incuro 5 agashimwe gatangwa k’umukinyi wigenje neza mu rukino(Homme du Match) kuva aho agereye muri Zesco United

Aganira na Isano Mag aho yari ari muri Ghana bitegura urukino rwo mu mahiganwa yo muri Afrika y’imirwi yatwaye ibikombe iwabo yavuze ko ameze neza ndetse n’umurwi wiwe uhagaze neza,yagarutse kandi ku murwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba buca zikina urukino rwo gupfa no gukira na Gabon ngaha i bujumbura mu kwezi kwa gatatu.

Ati“Meze neza cane n’umurwi wanje uhagaze neza ni uwa mbere muri poule yacu ,dufise kandi amanota 6 kuri 6 muri championat yacu ubu ikinwa nayo mu ma poule kubera bagomba igendane n’izindi,meze neza cane ku bijanye n’umurwi nserukigihugu birababaje nyene ko ntahamagarwa ariko ntibinca intege kuko umumenyereza burya ahamagara abakinyi abona akeneye ubwo nihagera azompamagara kandi niteguye gutanga vyose bishoboka kugira umurwi utere imbere,Ahubwo ndabifuriza kwigenza neza ndanabasengera Imana kugira bazotsinde haba nahamagawe canke ntahamagawe gusa isaha niyagera nzobona bibaye”

Enock ni umwe mu basore beza u Burundi bufise bakina hagati mu kibuga akaba yarafashije Messager Ngozi gutwara ibikombe bitari bike kuva aho atanguriye gukinira uyu murwi.

IsanoMag kandi ryagomvye kumenya uburyo abona championat ya zambia hamwe niyo mu burundi avuga ko umupira wa zambia udakanganye kuko usaba inguvu ariko utabereye ijisho badahanahana umupira cane ariko ko ari championat irimo amafaranga meshi gusumba iyo mu burundi

Ati“Muri Zambia umupira waho usaba inguvu nyishi ntibimeze nko mu burundi aho usanga dukina udupira duto duto turyoheye ijisho (duhana ama passe) ariko Ngaha dukina umupira muremure usaba inguvu ariko ni championat ifise amafaranga kuko imirwi iratunze kabisa”.

Iyi championat ya Zambia isigaye inabarizwamo abarundi batari bake nyuma yuko Mavugo Laudit ndetse na Arakaza Mc Artur bayigiyemo biribonekeza ko abarundi bariko barahigwa cane n’iyi championat isanzwe inerekanwa ku ma chaine ya Supersport ,imwe mu ma television utosanga apfa kwerekekana championat iyo ari yo yose.

Enock Nsabumukama akaba amaze gutahukana udushimwe two gutorwa nk’umukinyi mwiza mu rukino (Homme du Match) Incuro 5 arikumwe na Zesco United.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by