FEBABU: Igisata c’inkino z’abapfasoni ntikigifise uwukirongoye

Spread the love
  • 16
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    16
    Shares

Imbere yuko ihiganwa rya Basketball ry’umwaka wa 2019 ritangura, ibibazo vyovyo ntibibuze. Mu nkino z’abapfasoni uwurasanzwe arongoye ico gisata mw’ishirahamwe ritunganya urwo rukino ku rwego rw’igihugu FEBABU yatanze imihoho bivanye n’ibibazo bidasanze yashikirije.

KAMIKAZI Dorine yarasanzwe arongoye arongoye ico gisata, mu rwete yandikiye uwurongoye ishiramwe FEBABU kw’igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2019, amenyesha ko atanze imihoho mu burongonzi bw’igisata c’inkino z’abapfasoni.

Imvo n’imvano y’ugutanga imihoho

Biciye mu muri urwo rwete, KAMIKAZI Dorine arasigura ikimutumye atanga imihoho mu gice ca kabiri rirugize ati: “….. igitumye mfata ingingo yo gutanga imihoho, ni zimwe mu ngingo zifatwa tutagishijwe inama kandi twari kubimenyeshwa. Inkwezi y’amarere n’igikorwa co guherekeza umurwi nserukiragihugu mu mahiganwa ya Basketball 3×3 yitiriwe ANOCA ZONE V YOUTH GAMES 2019 nk’uwusanzwe agiye gufasha abanonotsi b’ababigeme. Sivyo gusa, ukutamenyeshwa abagize imirwi nserukiragihugu bituma tutamenya ibikwiye gukorwa mu kuyitegura, hampande yivyo ukongerako ibimaramare uburundi bwaronse mu gukubitwa impaga I Butare mu basore bitabiriye amahiganwa ya Basketball 3×3 cokimwe n’umwigeme AMAHORO Ange Chelsea atashoboye gukina. Ivyo vyose bifatanye bikaba bitadutera iteka.”

Inkurikizi zishoboka

Inkino z’abigeme zari zisanzwe zifise ibindi bibazo bidasanzwe hagati mu mirwi no ku rwego rw’igihugu. Bimwe mu bisanzwe bigaragara n’imirwi mike y’abapfasoni mu cicaro ca mbere no mu vy’icaro vy’akabiri mu mashami agize ishirahamwe FEBABU cane cane hagati mu gihugu. Benshi bakibaza ibigiye gukurikira mu gihe no mu burongozi ibintu bitifashe neza. Mw’ishirahamwe  FEBABU si ubwa mbere habaye ugutanga imihoho, mu mwaka wa 2017, uwahora ari umuyobozi-muhinga (DTN) HAKIZIMANA Alexis nawe yatanze imihoho bivanye n’ibibazo bitandukanye vyigaraza ico gihe harimwo imirwi ititabira amahiganwa bivuye ku matati afatiye k’uguhanahana abakinyi.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by