Ndaye chancel mu nzira zija mu gihugu ca Republique ya Tcheque ,ibiganiro bigeze ku kigero ca 99%

Spread the love
  • 43
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    43
    Shares

Umukinyi akiri muto akinira umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba yabaterengeje imyaka 20 Ndaye Chancel yamaze guhabwa umurwi wo mu cicaro ca gatatu mu gihugu ca Republique Tcheque  wa FK VYASKOV aho ibiganiro vyoba ngo bigeze kuri 99%.

Ndaye Chancel yari asanzwe akinira Rukinzo FC,umurwi w’igipolisi c’igihugu c’ u Burundi mu cicaro ca mbere ,ndetse akaba avanye n’umurwi nserukiraguhugu Intamba mu rugamba mu gihugu ca Niger mu gikombe c’afrika c’abakiri bato batarenza imyaka 20,ndetse yavuyemo aje mu bakinyi beza 11 baranze iri higanwa yamaze kuvugwa mu murwi wa FK VYASKOV yo mu cicaro ca gatatu mu ihiganwa ryitwa Moravian,Silesian Football League

Iri higanwa ribarizwamo uyu murwi wa FK VYASKOV ni rimwe mu mahiganwa ari ku rwego rwa 3 muri Republic ya Tcheque ryashizweho mu mwaka wa 1991 mu gihe iki gihugu cari citwa Tchécoslovaquie,uyu murwi ukaba ubarizwa mu kibanza ca 6 muri iri higanwa n’amanota 23 mu gihe Isano Mag yandika iyi nkuru.

Urwego rukuru rwa polisi y’igihugu nirwo rwatanguye kuvuga iyu nkuru

Découvrez le Tweet de @BurundiSecurity : https://twitter.com/BurundiSecurity/status/1097481613087334400?s=08
RépondreTransférer

Isano Magazine ikimenya ibijanye n’iyi nkuru yarondeye umukinyi Ndaye chancel ku murongo wa telephone atubwira ko arivyo ,ko Imana iriko iramukorera ibitangaza,ariko ibijanye no kujayo bitarahera neza kuko imirwi yombi ikivugana ku bijanye no kugurisha uyu mukinyi,ariko ngo vyoba bigeze ku rugero rwiza nka 99%.

Yavute ati

“Nivyo biriko birakorwa kandi biragenda neza,bigeze ku kigero nka 99% ndashima Imana ko hari ivyo iriko irankorera kandi vyiza,ni umurwi mwiza uri mu gihugu gifise umupira mwiza kandi ukomeye,ni inyungu ikomeye kuri jewe ubwanje n’Igihugu canje,ngiye gutera imbere ariko vyishi kuri iyi nkuru muzobimenya neza vuba ariko uko mbona ntagisigaye”

Ndaye chancel yageze muri Rukinzo FC avuye mu murwi wa LLB4A aho yari yafashije uyu murwi gukina igikombe ca Confederation Cup ,ni umwe mu bakinyi bari bafatiye kanini uyu murwi ndetse igenda ryabo ririko riratuma uyu murwi usubira inyuma.

Ndaye Chancel mu nzira zija ku mugabane wa buraya

IsanoMagazine yagomvye kumenya niba kuja mu cicaro ca gatatu Atari ugusubira inyuma ,Chansel atubwira ko atavyibaza kuko ari imwe muri championat ikomeye kandi ibonekamo imirwi ikomeye haba mu cicaro ca mbere ndetse iyo mirwi ikina na League des Champions aho twuvuga nka Viktoria Plzeň.

Ati”Oya sinovuga ko ngiye gusubira inyuma kuko nokubwiza ukuri ko ari championat ikomeye kandi umupira waho ukomeye murazi umurwi nserukiragihugu wabo urakomeye ukina n’igikombe c’isi,mu cicaro cabo ca mbere bakina League des champions urumva ninaba nigenje neza ntawomenya wosanga ndateye imbere ngiye muri iyo mirwi ikomeye kandi ndizeye ko Imana izonfasha”

Isano Magazine kandi yamubajije igihe azigira muri ico gihugu atubwira ko hari utuntu imirwi ikivugana igihe yoba yumvikanye vyose bazomubwira igihe azogira,kuko mu gihe twariko turandika iyi nkuru yariko yitegura gukinira umurwi wa Rukinzo aho uza gutana mu mitwe na  Messager Bujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa rudoviko rwagasore isaha cumi z’umugoroba.

Izuba ririko rirasa ku bakinyi b’abarundi bariko barajabuka ibihugu baja gukina hirya no hino nyuma y’abandi beshi barimo Caleb Bonfils basanga bakuru babo nka Berahino,edric Amissi ,Gael Bigirimana ,Ndaye Chancel nawe agiye ku mugabane wa buraya.

Isano Magazine irabandanya gukurikirana ivy’iyi nkuru .

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by