Primus League :Aigle noir na Messager Ngozi zatanze isomo ry’umupira w’amaguru ku munsi wa 22 wa championat,Aigle Noir itera intambwe yo guterura igikombe ca Championat

Spread the love
  • 30
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    30
    Shares

Nyuma y’akaruhuko katari gato hadakinwa ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu burundi  mu cicaro ca mbere Primus League ,mu mpera za week end ku matariki ya 16,17 z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2019 zarasubiriye kuba ku bibuuga bitandukanye,ku munsi wayo wa 22 wasize Aigle noir na Messager Ngozi zikosoye bikomeye imirwi ya LLB na  Messager Bujumbura.

Umurwi wa Aigle noir wagumanye ikibaza cawo ca mbere nyuma yo gutsinda itababariye umurwi wa Lydia Ludic ibitsindo 6 kuri 1 ,ibitsindo vyinjijwe na Bienvenue Kanakimana yatsinze 3 wenyene ,Tity Mavugo ,Twite na Frank binjije bose igitsindo kimwe kimwe ,iyi ntsinzi ya Aigle noir ije mu gihe bamwe muri aba  bakinyi ndetse n’umumenyereza w’uyu murwi bari bamaze hafi indwi zitatu  mu gihugu ca Niger mu gikombe c’afrika c’abatarengeje imyaka 20,beshi bakaba bariko baribaza ko bogarukana uburuhe butotuma bakina neza n’umurwi wa Lydia Ludic yo yagumanye abakinyi bayo hafi ya bose.

Kanakimana Bienvenue yatsinze ibitsindo 3 wenyene

Umurwi wa Lydia Ludic uri mu mirwi isanzwe ihagaze neza ariko muri iyi season ubona ko ibintu bitameze neza bivanye na bamwe mu bakinyi bakomeye bayivuyemo baja mu yindi mirwi yo hanze y’i gihugu ndetse n’iyindi mirwi yo ngaha iwacu mu gihugu ,aba bakaba bari barafashije umurwi wa Lydia Ludic gukina ihiganwa rya confederation cup muri Afrika aho bakuwemo na Rayon Sports yo mu gihugu kibanyi c’u Rwanda,izo ngaruka zo kugurisha abakinyi ntibasubirizwe bikaba ari bimwe biriko birakorako umurwi wa LLB .

Ku rundi ruhande , Messager Ngozi yirahiye umurwi wa Messager Bujumbura basanzwe bamuka mu ishure rimwe ry’umupira w’amaguru rya Le Messager ibitsindo 5 kuri 1 akaba ariyo ntsinzi ikomeye umurwi wa Messager Ngozi uronse nyuma yo gutandukana n’umumenyereza wabo Jean Jacques igafatana n’umurundi Jimmy Ndayizeye,vyerekana ko uyu mugabo yoba amaze gutahura buri mukinyi wiwe ico ashoboye ndetse na bamwe mu bakinyi bari bamaze igihe mu mvune bakaba baragarutse nk’uko abegereye uyu murwi babibwiye Isano Magazine.

Intsinzi ya Aigle noir ikaba yataye mu kaga kabi umurwi wa Musongati FC nyuma yo gutsindwa na Vital’o 1-0 vyatumye umurwi wa Musongati usigara inyuma ya Aigle Noir amanota 12 yose ,amanota atari make kuba woyakuramo mu gihe iyi mirwi ariyo yariko igwanira igikombe ca Primus uyu mwaka kuko kugeza ubu ku munsi wa 22 wa championa atawundi murwi uricara ku kibanza ca mbere atari iyo mirwi ibiri gusa.

Umurwi wa Aigle noir uyoboye urutonde rwa championat ku nkino 22 imaze gukina imaze kuronka amanota 54 ikaba izigamye ibitsindo 39,mu kibanza ca kabiri haza umurwi wa Musongati n’amanota 42 iakaba izigamye ibitsindo 19,vital’o ni iya gatatu n,amanota 37 ikaba ibitse ibitsindo 6 gusa ,imirwi nka Flambeau de ‘Est ,Olympic Stars na Messager Bujumbura ziri mu bibanza vya nyuma ziriko ziragwana kutamanuka mu cicar ca kabiri.

Uku niko iyindi mirwi yatsindanye mu mpera za week end ku munsi wa 22 wa championat ya Primus League

               Rukinzo  0-1 Bumamuru

               Messager Ngozi 5-1 Messager Bujumbura

               Atletico Ol 3-0 Olympic Stars

               Kayanza Utd 1-2 Buja City

               Les Lierres 1-0 Ngozi City

               Musongati 1-0 Vital’o

               LLBS4A 1-6 Aigle Noir

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by