Vyarangiye ,Bonfils Caleb yamaze gusinya mu cicaro ca mbere muri Lettonie Imyaka 3

Spread the love
  • 67
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    67
    Shares

Umukinyi Bimenyimana Bonfils caleb yamaze gusinya imyaka itatu y’amasezerano yo gukinira umurwi wo muri Littonie witwa Rigas FS ya mbere muri championat ya Lethonie nyuma y’igihe kitari gito harabaye ibibazo hagati ya Rayon Sports na Aigle noir itari irumvikana kubijanye no kugurisha uyu mukinyi.

Bonflis Caleb yamaze gusinya imyaka 3 i buraya

Bonfils Caleb Bimenyimana yashize amasezerano y’imyaka 3 nk’uko n’ubundi yari yabitangarije Isano Magazine mu mezi abiri aheze ko ariyo myaka bavuganye agomba gukinira uyu murwi mbere yuko ava i kigali
https://isanomag.com/sport/umusatirizi-wumurundi-caleb-bonfils-arasaba-abakunzi-biwe-kumusengera-mbere-yuko-afata-indege-imujana-muri-lethonie-muri-riga-fc/ .

Isano Magazine yavugane na Bonfils Caleb ikimenya aya makuru ayibwira ko afise akanyamuneza keshi cane kubona ibibazo vyose vyaheze ndetse akaba agiye gukinira uyu murwi wamweretse ko wakunze uburyo akina kuko wamwihanganiye iki gihe cose caheze hari ibibazo hagati y’umurwi wa Aigle noir ndetse na Rayon Sports,ndetse avuga ko yari amaze iminsi itari mike yimenyereza mu murwi wa whitecaps de vancouver usanzwe ukina Ihiganwa rya Major League Soccer muri USA vyari gushoboka ko nayo yomusinyisha ariko igasanga yamaze kugira amasezerano ya Rigas FS.

Ndaryohewe cane muri aka gatondo,umurwi ndawumazemo iminsi 3 nvuye muri whitecaps y i Vancouver isanzwe ikina MLS niho nari maze iminsi nkorera imyimenyerezo ,vyarangiye bumvikanye kandi ndashima Imana ,nasinye imyaka 3 ngaha ubu niteguye gutangura akazi,sinza kugaruka ku bibazo vyabaye vyatumye nteba gukina no gusinya ngaha ariko ndashima abantu bo ngaha banyeretse ko badashaka kundekura kuko nashobora kuja mu bindi bihugu nka Portugal nahandi kuko nabona vyari vyanse ngaha ariko ndashima ko bambonyemo Impano bakihangana iki gihe cose,iyo umurwi w’i Burayi nkuko wagukunze ntupfa kukurekura” Bonfils caleb aganira na IsanoMagazine

Uyu murwi wa Rigas FS ukaba uri mu kibanza ca mbere mu ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri littonie ubwo twandika iyi nkuru imaze gukina inkino 5,ifise amanota 15 ikaba itaratakaza inota na rimwe,ndetse uyu murwi ukaba uzokina inkino zo kurondera itike yo gukina Europa League mu kwezi kw’umunani uyu mwaka.

Bonfils Caleb ageze muri uyu murwi aciye mu mirwi ikomeye hano iwacu nka Aigle Noir ,Vital’O na Rayon Sports yo mu Rwanda akaba asanzwe akinira umurwi nserukigihugu intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by