Igikombe c’umukuru w’igihugu kigeze ahakomeye,Isanamu y’imirwi izokina iri haganwa

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Inkino z’igikombe c’umukuru w’I gihugu coupe du President zigeze muri ¼,aho imirwi 8 yose isigaye izokinira ku masaha amwe ki bibuga bitandukanye vyo mu gihugu hagati no kuri Stade Prince Louis Rwagasore ku wa gatandatu tariki ya 06  Ndamukiza 2019.

Nyuma yo kugira umwaka mwiza mu ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi umurwi wa Aigle Noir watwaye igikombe c’uyu mwaka ndetse bakaba bararonse uburenganzira bwo gukina inkino zo muri Africa z’imirwi yatwaye ibikombe iwabo League des Champions,uyu murwi ugomba gutana mu mitwe na LLBS4 africa ,umurwi werekanye inguvu nkeya muri season y’uyu mwaka mu ihiganwa rya Primus League ariko umaze kumenyera aya mahiganwa na rirya ariwo ufise iki gikombe cakinwe umwaka wahera wa 2018,uru rukino rukazobera I Muyinga.

Imirwi ibiri iheruka kuduga ivuye mu cicaro ca kabiri ariyo Rukinzo FC na Kayanza United nayo izotana mu mitwe mu rukino ruzobera kuri Stade Urumuri y’I Muyinga ,Kayanza United imwe mu mirwi itatu yaduze muri Primus League uyu mwaka ariko ikaba itarizera kuguma muri iri higanwa ku nkino zibiri zisigaye na cane cane ko uravye Rukinzo FC na Bumamuru FC vyaduganye zifise amanota azemerera kuguma mu cicaro ca mbere,umurwi usabwa inguvu nyishi haba muri iri higanwa ndetse no mu yandi.

Umurwi umwe gusa usigaye uri mu cicaro ca kabiri wa Interstars uzoba uri mu kibuga nawo ukina n’umurwi wa Messager Ngozi,ni imirwi yombi izinanye kuko muri season yaheze umwaka wa 2018 uheze uyu murwi Inter Stars wari mu cicaro ca mbere ndetse wakinye inkino nyishi na Messager Ngozi,ukaba ushitse muri kimwe ca kane nyuma yo kugura abakinyi batari bake mu ntumbero zo kugarukana uyu murwi mu bihe vyawo vyiza no kugwanira kugaruka mu cicaro ca mbere.

Urundi rukino ruzobera kuri Stade Prince Louis Rwagasore ruzohuza imirwi ya Ngozi City na Musongati FC,imirwi isanzwe ifise abakunzi batari bake ngaha mu gisagara ca Bujumbura ndetse isanzwe irabana ijisho ritari ryiza iyo yahuye

Igikombe c’umukuru w’igihugu gituma umurwi wacegukanye ubona uburenganzira bwo gukina inkino za confederation muri afrika.Izi nkino zose zikazoba ikibiriraho ku bibuga bitandukanye.

Urutonde rw’inkino zo muri 1/4 n’ibibuga zizoberakoUrutonde rw’imigwi nuko izohura  

15h I Muyinga: CS Aigle NOIR vs LLBSA

15h I Ruyigi: Rukinzo FC vs Kayanza United

15h Interstars  Vs Messager Ngozi

15h P.L rw:Ngozi city vs Musongati FC

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by