Intamba mu Rugamba hagati y’ibiganza vy ‘Imana

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Nyuma yo gutakaza inkino zibiri mu gikombe ca afrika c’ibihugu umurwi nserukiragihugu Intamba usabwa gutsinda urukino rwa nyuma mu kwizera kuba mu mirwi yatsinzwe neza ya gatatu mu matsinda yose aho imirwi ine ihabwa ayo mahirwe kugira yiyongere ku yindi mirwi 14 iba yaronse itike yo gukina ikindi gice gikurikira.

Uru rukino intamba mu rugamba iza gukina birasaba ko irutsinda naho ku rundi ruhande umurwi wa Guinee Equatorial nawo urondera ayo mahirwe nyuma yo gutsindwa na Nigeria bakanganya na Madagascar mu nkino zibiri ziheruka.

Ucishije amaso mu murwi w’u Burindi haba mu bamenyereza ndetse n’abakinyi usanga bifiye icizere ndetse n’inyota vyo gutsinda uru rukino bakava muri izi nkino bakinye bwa mbere mu mateka na kahise k’igihugu c’uburundi batsinze urukino rumwe canke gushika kure.

Abakurikirana umurwi nserukiraguhugu bose bari hirya no hino ubona batabona ikibura kugira uyu murwi wigenze neza mu gihe bavuga ko ari umwe mu mirwi ikina umupira mwiza wo hasi ufise isuku ariko bikananirana ko uyu murwi ubona amanota atatu kuko ibitsindo vyose batsinzwe babitsinzwe mu minota ya nyuma haba ku rukino rwa Nigera na Madagascar.

Umumenyereza w’intamba mu rugamba ashobora guhindura liste yatanguye bivugwa ko ashobora gutanguzaz aba bakurikira

1.Nahimana Jonathan

2.Karim Nizigiyimana

3.Nduwarugira Christophe Lucio

4.Omar Ngando

5.Nsabiyumva Frederick

6.Bigirimana Gael

7.Mohamed Amissi

8.Kwizera Pierrot

9.Francis  Njali

10.Fiston abdoul razak

11.Chabalala Hussein

Kugeza ubu Intamba mu rugamba ntizirabasha kwinjiza mu igori igitsindo na kimwe mu gihe zimaze gutsindwa ibitsindo bibiri

Uravye kugeza ubu uko imirwi ihagaze haracariho amahirwe mu gihe intamba mu rugamba zoba zitsinze uyu murwi wa Sirri national wa Guinee aha twosigara turaba uko iyindi mirwi izoba yatsindanye mu matsinda yose asigaye kugeza ku wa kabiri itariki 2 z’ukwezi kwa 7 kugira tumenye aho Intamba zihagaze ariko ibiharuro vyose vyorohereza Intamba nuko bagomba kuba batsinze batsinzwe boba bakitishije itike isubira mu gisagara ca Bujumbura.

Beshi mu bakurikiranira hafi uyu murwi basaba umumenyereza gutanguza umurwi wahejeje urukino bakinye na Madagascar kuko abasore nka Mohamed Amissi na Enock Nsabumukama binjiye mu rukino bahindura ibintu ndetse bateza ingorane muri defense ya Madagascar mu gihe vyatumye umusatirizi Fiston Abdoul razak asubira mu kibanza ciwe ndetse atera mu igori ishuro zibiri ibintu bitari vyabaye hakirimo Saido Berahino atigeze atera mu igori na rimwe mu rukino rwa Madagascar ndetse no mu rukino rwa Nigeria.

Intamba mu rugamba mu gihe zoba zitsinze uru rukino naho zitoboneka muri yo mirwi ine yatsinzwe neza vyoba ari ivy’agaciro gakomeye kuva muri iri higanwa rikomeye rya mbere muri Afrika baronse amanota atatu.

Nigeria muri iri tsinda B niyo ya mbere nyuma yo gutsinda inkino zayo zose ikurikirwa na Madagascar ifise amanota 4 ,Guinea niya gatatu ikaba ifise inota rimwe mu gihe intamba mu rugamba ari iza nyuma n’ubusa bw’inota.

Nigeria irakina na Madagascar mu gisagara ca Alexandrie mu gihe u burundi buzoba buriko burakina naGuinee i Cairo ku kibuga ca Al Salam Inkino zose zibera amasaha amwe.18h i Cairo n’i  Bujumbura.

Imana ibane n’intamba mu rugamba.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by