Intamba mu rugamba U20 ziteguye gutsinda Niger zikihora

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Intamba mu rugamba z’abakinyi batarengeje imyaka 20 ziri gukina igikombe c’Afrika c’abaterengeje iyo myaka nyene muri Niger biteguye gutsinda ico gihugu cakiriye iri higanwa ku munsi w’ejo ku wa kabiri nyuma yo gutsindwa na Nigeria ibitsindo 2-0

Mbere gato y’uru rukino ibimenyeshamakuru vyinshi vyagiye bigaruka ku gukomera kw’umurwi w’intamba mu rugamba bahereye ku isanamu y’umurwi w’intamba mu rugamba wo muri 1995 wageze ku rukino rwa nyuma rw’iri higanwa

Joslin Bipfubusa umumenyereza w’uyu murwi yavuganye n’umumeshamakuru wa Radio na televisiyo y’i gihugu RTNB yavuze ko nyuma y’urukino rwa Nigera , rwabafashije gutinyuka iri higanwa kuko bakinye match ya mbere barifitiye ubwoba ariko ku rukino rwa Niger ata bwoba ubu bagifise biteguye kurutsinda

Ati“Abakinyi bakinye bafise ubwoba kandi sinobarenga kuko niryo higanwa bakinye rikomeye gusa match iheze babonye ko ntagiteye ubwoba carimo biyemeza gukora neza bagatsinda urukino rwa Niger”

Naho Joslin agaruka ku bwoba ariko bw’abakinyi umurwi wa Nigeria watsinze intamba mu rugamba mu gice ca kabiri biboneka ko bari bigenje neza mu gice ca mbere kuko urukino rwaheze mu gice ca mbere ari 0-0.

Joslin Bipfubusa yagarutse cane cane ku rukino rwejo itariki ya 5/1/2019 bazokinamo na Niger yemerera abarundi ko bazogwitwaramo neza

Ati“Naho tutashoboye gutsinda urukino rwa mbere vyose birashoboka turaza gutegura uru rukino kandi itsinzi turayikeneye tugomba kuyizana”

Umurwi w’intamba mu rugamba ukaba uri mu mirwi 8 yonyene muri afrika yaronse itike yo gukina aya mahiganwa ya nyuma ya CAN20

Urikino rwa Niger isanzwe yarakiriye iri higanwa ruzoba ku munsi wa kabiri ku wa 05/Nzero/2019 isaha 20h30 z’ijoro ku  masaha y’i Burundi, barutsinze baragira amahirwe yo kubandanya barondera itike yo kuja mu gikombe c’isi muri Pologne mu gihe boba babonye itike ishima muri 1/2 gusa. Barutsinzwe naho amahirwe yo gutaha azoba ari meshi

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by