Inzira y’umusaraba Vital’o iriko iracamo izoyishakana hehe?…Igice ca 1.

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Umurwi wa Vital’o Football Club umaze imyaka itari mike uri mu bibazo ibi canke biriya bijanye n’ukuntu utunganijwe ,ibijanye n,abakinyi uburyo babaho,uwo umurwi wegukira ,ukwagirizwa k’umuyobozi Benjamin Bikorimana vyo gushaka kugira uyu murwi akarima kiwe no kudaha ijambo abakunzi n’abashinze (Fondateurs) uyu murwi mu bikorwa ibi canke biriya bitunga umurwi,ibi vyose vyatumye umurwi wa Vital’o usubira inyuma mu  buryo buboneka mu mupira w’amaguru iwacu no mu karere.

Mu gihe Ihiganwa ry’umupira w’amaguru Primus league uyu mwaka wa 2018-2019 ririko riraja ku mpera yaryo naho umurwi wa Aigle Noir wamaze gutwara iki gikombe ,ryoba rigiye gusiga ridugije icuka kitari ciza hagati y’abakunzi b’uyu murwi n’uburungozi bwawo burangajwe imbere na Benjamin Bikorimana asanzwe arongoye ishirahamwe Bio Energie rimaze ikiringo c’ imyaka itandadatu kuva mu mwaka wa 2013 rifasha uyu murwi mu buryo ukoresha mu mahiganwa yose akinirwa hano no hanze.

Mu mwaka wa 2013 habayeho gutanga imihoho k’uwari President w’umurwi muri ico gihe habaho kurondera uwari hafi y’umurwi yashobora gufasha Vital’o kutisanga mu bibazo bikomeye mu gihe hari hasigaye umwanya muto ngo ihiganwa rya Primus League 2013-2014 ritangure,niko guha umurwi Benjamin Bikorimana ngo awurongore aheze anawufashe ku bibazo vy’uburyo (Finance) nk’umurongozi w’infatakibanza canke ( President à l’Interim) mu rwego rwo gutegura vuba na vuba uko umurwi wokina muri uyo mwaka w’inkino wa 2013-2014,ndetse ahabwa ikete rimwinjiza mu mabanga ritagira igihe ubwo burongozi bw’infatakibanza buzomara ariko bemeranya kuzokora inama ya bose mu rwego rwo gutora indongozi nyene izina ,ico Benjamin yagirizwa ko atakoze nkana kugira abanyamuryango bose bagire ijambo ku ndongozi z’umurwi.

Photo Credit:Akeza.net Benjamin Bikorimana asanzwe ari President wa Vital’o nyene Ishirahamwe Bio Energie

Benjamin Bikorima asanzwe arongoye uyu murwi wa Vital’o ndetse  n’ishirahamwe Bio Energie risanzwe rifasha uyo murwi kuva mu mwaka wa 2013 avuga ko umurwi wa Vital’o yawufashe uri hafi yo kugwa mu cobo kibi kuko wari mu bibazo vy’ubutunzi utagira urufaranga na rumwe,utagira umukinyi n’umwe ,ivyo vyose akabiwubiha ndetse afata ingingo yo gufata abakinyi ba Vital’o abaha amasezerano y’akazi y’ishirahamwe rya Bio Energie nkuko yamaze kuba abitangariza Buja FM mu kiganiro c’inkino catambutse ku munsi wa 3 tariki ya 10 Ndamukiza 2019,kugira abakinyi bagire aho bava naho baja,ariko ivyo vyose akabikora abizi neza ko habayeho ico yita ikosa canke kwihenda kubamuhaye uburongozi we yahinduye guhabwa umurwi wose,aho bavuga ko ata burenganzira na buto afise bwo gufata abakinyi n’umurwi akabagira ivy’ishirahamwe kandi atari vyo Status ya vital’o ivuga.

Ku rundi ruhande ,uwari Vice President Evariste Mukurarinda muri ico gihe mu mwaka wa 2013 ubwo vital’o yahabwa Benjamin Bikorimana ngo ayibere umurongozi akavuga ko hoba hariho kwitiranya gufasha umurwi no gushaka kuwugira akarima kiwe,awiyitirira mu gihe amategeko avuga neza ko umurwi wa Vital’o ugiye kuyoborwa na President w’infatakibanza ari we Benjamin Bikorimana batigeze bagirana amasezerano n’ishirahamwe rya Bio Energie,kandi ko atakibazo co gukura umurongozi wabo ahubwo bamusaba kubahiriza amategeko ndetse no gushiraho inzego zimufasha kurongora uyu murwi kuko biboneka ko atamwanya akiwuha,atakiboneka ku bibuga,ku myimenyerezo,atakimenya nuko abakinyi bamerewe.

Amakuru ava mu begereye umurwi wa Vital’o ariko akavuga ko abagabo bafise ijambo muri uyu murwi babonye ko igihe kigeze ko habaho impinduka muri uyu murwi kuva iyi championat itanguye aho bivugwa ko bagiye baraha abakinyi n’abamenyereza bimwe na bimwe bibafasha kuguma muri uyu murwi na rirya bamwe mu bakinyi batari bakiboneka mu uyu murwi kubera ko batari bagihembwa canke ngo bahabwe agashirukabute kabo mu murwi wa Vital’o bigatuma bataza mu myimenyerezo no mu nkino zimwe na zimwe.

Amakuru Isano Magazine ifise kandi kuri iki kibazo ni uko mu mwaka wa 2013 abari abarongozi ba Vital’o ico gihe bagize remise et reprise n’uburongozi bushasha bemeza ko ico gihe hatigeze habaho na gato gutanga ubuyobozi ku ishirahamwe rya Bio Energie ahubwo bahaye uburongozi umuntu ku giti ciwe aho uwari umunyamabanga mukuru wa vital’o ( Sécrétaire Général ) umushingantahe Kinshasa Christophe yashikiriza  Benjamin Bikorimana nk’umuntu ku giti ciwe vyumvikana ko nta hantu na hamwe haboneka ishirahamwe Bio energie  muri iyo hana bubasha (Remise et reprise).

Aha rero hakaba hibazwa ukuntu Bio Energie ivuga ko ariyo ifise umurwi wa vital’o nkuko bivugwa,nimba kandi Bio Energie yarahawe umurwi wa vital’o nkuko bivugwa itegerezwa kuba yarabanje kwicarana nabagize inama nkuru y’abashinze umurwi wa Vital’o bakaraba ico amategeko avuga canke Status ya vital’o ivuga mbere yo guhindura ibi canke biriya nkuko biboneka mu vyo Evariste na Benjamin batangarije Buja FM.

Benjamin Bikorimana abandanya avuga ko mu myaka 6 ishirahamwe rya Bio Energie rimaze rifasha umurwi wa Vital’o ryahaye amahera meshi ,rigura abakinyi ndetse aba bose bakaba bafatwa nk’abakozi ba Bio Energie  akaba ata muntu numwe afise ububasha bwo kwinjira mu masezarano y’umukozi n’umukoresha atabiherewe uburenganzira akabona ko rero ico kibazo cega bo nyene,mu gihe abandi bemeza ko uyu mugabo yataye umurwi ndetse akaba afitiye amahera Atari make abakinyi n’abamenyereza ,ikindi kandi ko atagomba kwitiranya Vital’o na Bio Energie kuko vital’o ari umurwi hama Bio Energie rikaba ishirahamwe rifasha uwo murwi .

Abagize inama yo kurondera umuti w’iki kibazo ariko barongowe na Evariste Mukurarinda bakaba bemeza ko ataciyumviro kibi gihari co gukura Benjambi Bikorimana ahubwo ko bamusaba kwitaba inama rusangi izoba ku wa mungu tariki ya 14 Ntwarane 2019 bakigira hamwe iki kibazo,ariko bakamusaba gutanga uyu murwi mbere y’uko iri higanwa rihera ugasubira mu minwe y’abawumuhaye ibintu nawe abona ko bitoshoboka mu gihe yatanguranye saison yose n’umurwi .

Ibibazo vyishi biriko biribazwa n’abakunzi kuri kazoza k’uyu murwi wa Vital’o ufise izina rinini gusumba iyindi mirwi hano na rirya ari wo wenyene umaze kuzana igikombe ca CECAFA ngaha mu Burundi.

Photo credit:Internet Vital’o umurwi ufise izina mu burundi no muri afrika

Twagiye tubona imirwi ikomakomeye igenda amazimayongo kubera ibibazo vyo kutumvikana hagati y’indongozi z’imirwi,beshi bakibaza nimbi Atari igihe ca vital’o co guhamvya iyo mirwi nka Prince Louis,Manyema,Muzinga,Interstars n’izindi zagiye zigira ibi bibazo bikarangira zizimanganye canke ziri mu vyicaro vyo hasi aho vyananiranye gusubira kuvyura agatwe,abakunzi b’uyu murwi ndetse bakaba bifuza ko impande zose zumvikana zigatora umuti w’iki kibazo…………

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by