LDC:T P Mazembe ihaniye SIMBA SC iwayo,isubira gukina demi final yaheruka mu mwaka wa 2015

Spread the love
  • 17
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    17
    Shares

Nyuma yo kunanirwa kugera muri kimwe ca kabiri c’ihiganwa rya League des champions kuva mu mwaka wa 2015 ubwo batwara iri higanwa ,TP Mazembe isubiye kubona itike yo kujayo nyuma yo gutsinda itababariye umurwi wa SIMBA SC yo muri Tanzaniya, Ibitsindo 4-1.

Mu rukino rwo gusubiriza nyuma yaho iyi mirwo yose yari yanganirije mu gisagara ca Dar es Salaam 0-0 ,ntivyabaye ivyorohera abasore ba SIMBA SC naho bari baronse igitsindo cabo ku munota wa 2 gusa cinjijwe n’umuganda Emmanuel Okwi ,vyabaye nko gukoza agati mu ntozi bituma abasore ba Pamphile Mihayo bivyukiranya batsinda ibitsindo 2 vyaje gutuma igice ca mbere kirangira uko.

Umurwi wa TPM wari ku kibuga cabo i Lubumbashi,wagarutse mu kibuga umeze nk’uwariye amavubi aho winjije ibindi bitsindo bibiri biba bibaye ibitsindo 4-1 mu rukino rwerekanye ubuhangange bw’umurwi wa TPM utari uherutse kugera muri iki gice ca demi final ya league des champions.

ibitsindo vya TPM vyatsinzwe na Kabaso chongo 23e,Meschack Elia 38e,Tresor Mputu 68e na Jackson Muleka 75e,abakinyi nka Meschack Elia bagoye cane abakinyi ba Simba ku buryo buboneka.

TPM ibonye itike yo gukina demi final ishobora guhura na Esperence de Tunis isanzwe ifise iki gikombe mu gihe yoba ihagaze ku ntsinzi yayo yarone mu rukino rwa mbere rwayihuje na Constantine ,bivuze ko TPM ugomba kuguma ugavye mu gihe boba bahuye n’uyu murwi.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by