Liverpool idafise Van Dijk Irakira Bayern Munich ,Lyon na Barcelona ,Atletico na Juventus mu gihe Manchester city izoba yagiye mu budage.

Spread the love
  • 50
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    50
    Shares

Mbere y’urukino ruhuza umurwi wa Liverpool na Bayern Munich muri 1/8 urukino rwa mbere kuri stade ya Liverpool,umurwi wa Liverpool udafise umuholondi Virgil Van Dijk iri mu biharuro bikomeye vy’uko iza guhagarika abakinyi bayo kubera ivunika ry’abakinyi bayo bakina inyuma.

Livepool ifise ibibazo mu bwugarizi bwayo kubera kuvunikisha bamwe mu bakinyi bayo basanzwe bafatiye runini inyuma nka Joe Gomez na Dejan Lovren aba baza biyongera kuri Virgil Van Dijk wahawe amakarata abiri y’umuhondo biza gutuma ataza kugaragara mu rukino rutangura ku munsi w’ejo I tariki ya 19/02/2019.

Intare batinya Virgil van Dijk ntazoboneka bakina na Bayern

Jürgen Klopp asanzwe amenyereza umurwi wa Liverpool bikaba biza kumusaba guharika abakinyi biwe b’inyuma badafise Van Dijk ,bivuze ko ashobora kuza kwikora kuri duo ya Fabinho na Matip,aho umu nya Brazil Fabinho amaze gufata ikibanza ntakuka mu gusubirira bamwe mu bakinyi baba bagize ikibazo bakina inyuma mu bwugarizi bwa Liverpool,naho ayandi makuru ava mu gisagara ca Liverpool avuga ko Dejan Lovren ashobora kugeragezwa mu myimemyerezo ya nyuma iba uyu munsi ku wa mbere,kugira barabe ko yoza gukoreshwa mu rukino rwa Bayern.

Ku rundi ruhande ariko no kuri Bayern Munich ,ibintu si vyiza na gato kuko yafashe indenge ija mu gihugu c’u bwongereza idafise bamwe mu bakinyi bayo bakomeye,barimo Jerome Boateng bivuga ko yoba yagize ikibazo co mu nda,biyongera kuri Arjen Robben amaze igihe hanze kubera imvune,ndetse na Thomas Muller nawe ataza gukina uru rukino kubera yahagaritwe mu gihe Frank Ribery bivugwa ko aza gufata indege uyu munsi asanga bagenzi biwe mu gisagara ca liverpool nyuma yo gutangaza ko ari kumwe n’umuryango wiwe bibarutse umwana wa 5.

Urukino rwa Liverpool na Bayern ni rumwe mu rukino rurindiranwe igishika mu gice gishira umunani c’irangiza mu gihe iyi mirwi inganya ibikombe imaze kujana muri iri higanwa bigera kuri 5 buri umwe.

Umurwi wa Lyon FC ya Bruno Genesio iraza kwakira umurwi wa Barcelone mu mitwe ikomeye yo gushirako ubuhinga bwotuma abakinyi biwe bazibira umukinyi Lionel Messi nkuko iyindi migwi yabigerageje,biraza kumusaba kubitegura yitonze kuko beshi babigerageje ntivyakunze kubemerera,Bruno Genesio yemera ko ari igikorwa gikomeye ariko gishoboka

Cristiano Ronaldo ari kumwe na Juventus de Turin arasubira I Madrid guhangana n’umurwi wa Atletico Madrid kuva aho yambariye impuzu ya Juventus ndetse akanayifasha kugarukana icubahiro,agiye gusubira I Madrdi n’ubundi akiri umukinyi w’igitangaza kuko amaze gutsinda kugeza ubu ibitsindo 21 atanga imipira ivamo ibitsindo 11 bimwe mu biharuro vyerekana ko ku myaka 34 akiri umukinyi atoroshe

CR7 asubiye i Madrid aho yubakiye amateka
ayoboye abandi gutsinda ibitsindo vyishi muri C1

Atletico Madrid irakira Juventus ku wa gatatu tariki ya 20 Ruhuhuma 2019,mu gihe ku rundi ruhande umurwi wa Manchester City ya Pep Guadiola izoba iri mu kibuga na Schalke 04 yo mu budage.

Manchester City iyoboye urutonde rwa Championat yo mu bwongereza ndetse ikaba yerekana ko itoroshe muri iyi minsi aho gukina nayo bitaba vyoroshe iraja mu budage nyuma yo gukubita itababariye umurwi wa Chelsea ibitsindo 6 ku busa kimwe mu  bimenyetso vyerekanye ko Pep Guadiola yahinduye Man city ku rugero rwa Barcelona.

Izi nkino zose zifise ico zisiguye ku bakunzi b’umupira w’amaguru kuko beshi bifuza ko Liverpool yosubira kugera ku rukino rwa nyuma nkuko yabikoze umwaka waheze ,Juventus ya Cristiano nayo ihabwa amahirwe meshi nyuma yuko uyu musore yafashije Real Madrid gutwara iki gikombe  inshuro 3 bikurikiranya,ibi bikaba uko ku murwi wa Paris Saint Germain uri mu ntambara yo gutwara champions league ndetse na Manchester City.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by