Urunani BBC mu nzira zo gusanura ikibuga co ku i Jabe.

Spread the love
  • 20
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    20
    Shares

Mu minsi yaheze mu nama yahuje abakunzi b’umurwi wa Urunani
Basketball Club n’uburongozi bw’uyu murwi bashira hanze uko umwaka wabo ugomba kuba wifashe ndetse n’uburyo uyu murwi uzokoresha muri uyu mwaka w’inkino,abakunzi b’uyu murwi biyemeje kuba hafi uyu murwi eka mbere bafata iya mbere mu gutunganya umugambi wo kubaka ikibuga co ku I Jabe aho uyu murwi ugomba kuzoza urakirira inkino zawo zose.

Nkuko isano Magazine yabishikirije mu nkuru yayo https://isanomag.com/sport/urunani-basketball-club-rwiteguye-gukoresha-ayarenga-imiliyoni-40-zamarundi-uyu-mwaka-wa-2019/ umukuru w’abakunzi b’uyu murwi Thierry Nininahazwe yavuze ko ibikorwa vyo kubaka iki kibuga biri ku rwego rwiza kandi abakunzi b’uyu murwi bari hirya no hino bariko baragira uruhara mu kubaka iki kibuga kizofasha umurwi wabo ariko kandi kikongera kigafasha abana bato basanzwe bakinira kuri iki kibuga kubandanya batera imbere kuko kizoba cubatse neza

Amakuru Isano Magazine ifise nuko ibiro vy’igisagara ca Bujumbura vyamaze gushikiriza uyu murwi intererano yabo mu guterera ku mirimo yo kubaka no gusanura iki kibuga bakaba batanze amafaranga agera ku miliyoni zibiri z’amafaranga y’ U burundi (2 000 000),Amahera yatanzwe mu buryo bwa cheque yanditsweko amazina ya Thierry Nininahazwe asanzwe arongoye abakunzi b’uyu urwi w’Urunani ku ikonti isanzwe iri muri Banki ya ECOBANK.

Amakuru kandi isano Magazine ivana mu bantu begereye uyu murwi n’uko abagize akanama kajejwe gutegura ivy’iki kibuga kagomba gukorana ku munsi w’ejo wa gatanu tariki ya 05  Ndamukiza 2019 mu rwego rwo kuvugana uko imirimo yotangura n’ibindi vyose bikenewe  kuri  uyu mugambi.

Iyi ntererano ije isanga abatari bake bamaze kwitaba akamo ko gufasha muri iki gikorwa ndetse uruhara runini rukaba rufiswe n’abakunzi b’uyu murwi aho bamaze kwegeranya amahera atari make biciye muri cotisation basanzwe bakora eka mbere n’abandi baba hirya no hino ku isi bakunda uyu murwi umaze kubaka amateka yo gutahukana ibikombe bikomeye mu karere ka Zone ya Gatanu.

Isano Magazine yashatse kumenya ibijanye n’amasezerano hagati y’Urunani na Mairie ya Bujumbura mu bijanye n’iki kibuga ariko ntivyakunda ariko ihabwa amakuru ko izomenya uko vyifashe mu itanguzwa ry’iki gikorwa bivugwa ko bishobora kutarenza ukwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka wa 2019 bitaratangura.

Urunani rukaba ruri mu mirwi ihagaze neza muri iki gihugu ndetse imaze iminsi itari mike yaratanze uburyo butari buke mu kurondera abandi bakinyi baza gusahiriza abandi bari basanzwemo mu kurundira ko ihiganwa rya Basketball ritangura kuko kugeza ubu bigoranye kumenya igihe rizobera mu gihe imirwi ibandanya yitegura ikina inkino za kivandimwe.

iki gikorwa co gusanura iki kibuga kije mu gihe hari ikibazo c’ibibuga mu gisagara ca bujumbura biri ku rwego rwiza,ibi bikaba bizofasha umurwi w’Urunani BBC kugira aho ubarizwa eka mbere n’iyindi mirwi itari mike mu gisagara ca bujumbura no mu gihugu cose muri Rusange.

Buri muntu wese akaba atewe akamo ko gushigikira iki gikorwa ku neza y’urukino rwa Basketball muri Rusange.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by