NIYONGABO Amars aragabishwa na MUSANZE FC ku musaruro mubi

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mw’ikete ryasohowe n’uburongozi bw’umurwi wa Musanze FC  kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu  2019, rigabisha uwusanzwe awumenyereza ko atariko aratanga umusaruro mwiza. ivyo bigashobora kumutuma atakaza ayo mabanga bivanye n’umusaruro muke amaze kuronka kuva aje kuwumenyereza.

Muri iryo kete Musanze FC igira iti: “….dufatiye ku masezerano dufitaniye, tugafatira no ku musaruro w’amanota atatu kuri cumi n’abiri, tubona ko uwo musaruro udakwiye muri Musanze FC. Tukaba tukwandikiye rino baruwa tukumenyesha ko tutashimishijwe nuwo musaruro nagato. Tugusavye ko mu nkino zitatu zikurikira utegerezwa kuronka amanota 7/9. Bitabaye uko tuzokurikiza ivyo amategeko agenga umukozi avuga mu gihe adatanze umusaruro mwiza.”

NIYONGABO Amars akaba arumwe mu bamenyereza baciye mu mirwi myinshi mu karere mu bihugu bitandukanye uhereye mu mirwi y’I Burundi iyo asanzwe yamuka( inter stars, LLBS4A, Athletico Olympique, Buja City), muri Kenya (Gor mahia na Harambe Stars nk’icegera), muri Djibuti (ASAS Djibuti Telecom), muri Tanzaniya mu murwi wa stand united hamwe no muri Republika iharanira Democratie ya Congo mu murwi wa Bukavu Dawa.

Nubwo afise uburambe murako kazi ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu Rwanda ntiririko riramworohera. Mu nkino zine Musanze FC imaze gukina bafise ikibanza ca 13 bagasumvya imirwi itatu gusa mu mirwi 16 ikina mw’ihiganwa rya Azam Rwanda Premier League. 

Facebook Comments
Please follow and like us:

Written by