Saido Berahino yaraye afashwe n’igipolisi c’ ubwongereza yagirijwe akaboregwe

Spread the love
  • 13
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
    13
    Shares

Umukinyi w’umurundi Saido Berahino akinira umugwi wa Stoke City mu Bwongereza yarahagaritswe ku munsi w’ejo ku wa mbere mu gisagara ca Londres yiketswe ko yariko agendesha umuduga yaborewe.

Saido Berahino asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba yaraye ahagaritswe mu mabarabara ya Londre yagirizwa kugendesha umuduga yaborewe,ariko we akavuga ko yakoresheje umuvudugo mwishi ahunga abasuma banamwivye isaha yiwe

Inkuru Isano Magazine ikesha ikimenyeshamakuru ca BBC,yemeza ko uyu mukinyi w’imyaka 25 y’amavuka yahagaritswe inyuma y’uko igipolisi kironkeye inkuru zavuga ko hari akavuyo mu mabarabara ya Great Russell mu masaha y’ubucagucagu nka saa cenda zo mugatondo zo ngaha i Bujumbura z’igitondo co ku wa mbere i tariki 19/02/2019,mu gihe police yahashika yemeje ko hari imodoka yariko iriruka gose ku muvuduko udasanzwe ndetse uwo muduga waje guhabwa itegeko ryo guhagara ahitwa bedford square biketse ko yaborewe.

Saido Berahino ariko yabwiye igipolisi ca Londre ko yariko ariruka gose ahunga abasuma bateye umuduga wiwe ndetse bakanamwiba isaha yiwe Igipolisi ca Londre kivuga ko kitaragira umuntu n’umwe gita mu mvuto kuri ivyo Saido Berahino yavuze ariko kandi nticatangaje neza ko casanzwe uyu musore amaze gutsindira Stoke City ibitsindo 5 mu nkino 26 yatwaye umuduga yaborewe.

Umurwi wiwe wa Stoke City ukaba utaragira ikintu na kimwe utanganza ku nyifato yagirizwa umukinyi wayo ariko vyumvikana ko ico kibazo kizokwigwa hagati mu murwi hisunzwe amategeko agenga inyifato y’umurwi usanzwe uri mw’ihiganwa.

Berahino ntiyari yakoreshejwe mu rukino Stoke City yakinyemo na Ipswich town mu gikombe c’ubwongereza mu gihe uyu mukinyi amaze gutsinda igitsindo kimwe mu murwi nserukiragihugu intamba mu rugamba bakina na Gabon.

Si ubwa mbere uyu musore yagirizwa inyifato itariyo mu gihugu c’ubwongereza,ndetse vyoba biri mu bituma atariko arigenza neza mu murwi wiwe wa Stoke City ariko ku rundi ruhande akaba ari umukinyi yitezweho vyishi mu murwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba zigomba kwakira Gabon mu kwezi kwa gatatu 2019 i Bujumbura.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by