UCL :Liverpool iracakirana na FC Porto mu gihe Manchester City ikina na Tottenham

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu nkino zikomeye zo kumugabane w’i Burayi mu mirwi ikomakomeye kuri uyu mugabane muri iri joro ryo ku wa kabiri tariki ya 09 Ndamukiza FC Porto yo muri Portugal irakina na Liverpool yo mu bwongereza mu nkino za kimwe ca kane zibanza ku kibuga ca Liverpool mu gihe Manchester City izoba yagoye i Londre gukina na Tottenham.

Ni zimwe mu nkino zikomeye cane kandi zirabwa n’abantu batari bake ku isi yose haba ku bibuga ndetse no ku ma televiziyo atandukanye ku isi,Liverpool iraza kwakira umurwi wa FC Porto muri kimwe ca kane ku mu rukino rwabo rwa mbere rubera ku kibuga ca Anfield ca Liverpool ,urundi rukino nyuma y’umwaka umwe gusa bahuriye muri izi nkino nyene za League des Champions aho liverpool yari yatsinze uyu murwi ibitsindo 5 ku busa mu rukino.

Abakinyi 11 bashobora gutangura ba Liverpool


Abakinyi bose ba Liverpool ndetse n’umumenyereza Jurgen Klopp biteguriye uru rukino ariko kandi bemeza ko ivyabaye mu mwaka uheze batovyizera ngo bavyitwaze kuko FC Porto ari umurwi mwiza kandi utoroshe mu gihe nawo waje mu bwongereza witeguye gutsinda nkuko bitangazwa n’umumenyereza wabo Sergio Conceicao  nkuko yabitangaje imbere y’abanyamakuru mu gihugu c’u bwongereza.

Umurwi wa FC Porto mu nkino zitanu uheruka gukina na Liverpool nturabasha gutsinda na rimwe uyu murwi wa Liverpool kuko watsinzwe inkino 3 unganya inkino 2 mu nkino 5 ziheruka.Liverpool iraba idafise umukinyi wayo Andy Robertson kubera amakarata meshi y’umuhondo mu gihe kurundi ruhande FC Porto iraba idafise umukinyi wabo Pepe .

Abakinyi bashobora gutangura ku ruhande rwa FC Porto

Tottenham nayo ku kibuga cayo iherutse kugurura iraza kuba yakira Umurwi wa Manchester City urukino rukomeye kuko Tottenham imaze iminsi ititwara neza mu gihe Manchester city ikiri mu rugamba rugamba rukomeye rwo kurwanira igikombe ca championat .

Izi nkino zose zikaza kuba ku masaha ya saa tatu za hano iwacu i Burundi.

Abakinyi bashobora gutangura ku mpande zose

Liverpool 4-3-3): Alisson; Alexander-Arnold, Matip, Van Dijk, Milner; Wijnaldum, Fabinho, Henderson; Salah, Firmino, Mane

FC Porto (4-4-2)
Casillas; Maxi Pereira, Militao, Felipe, Telles; Otavio, Danilo Pereira, Torres, Corona; Marega, Soares

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by