Uwakoze amakosa niwe azohanwa kandi amatohoza ariko arakorwa .Reveliyano Ndikuriyo aganira n’abanyamakuru

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Mu kiganiro n’abanyamakuru umurongozi wa FFB umushingamateka Reveriyano Ndikuriyo yashimiye abantu bose bagize uruhara kugira Intamba mu rugamba zironke itike ryo kuja mu ihihanwa rikuru ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAN bwa mbere mu mateka ariko kandi agaruka ku bihano ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB ryahawe na CAF kubera kurenga ku mategeko ,avuga ko uwakoze amakosa ari we azohanwa kuko batohanirwa abandi.

Ivyo nivyo vyavugiwe mu kiganiro catanzwe n’wurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, Umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo mu Ntumbero y’ugushikiriza Uburundi  n’abarundi, ingene imyiteguro ku mugwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru uzoseruka,ku ncuro yawo ya mbere mu gikombe ca Afrika c’imigwi nserukirabihugu mu  Misiri mu kwezi kwa Ruheshi .

Kuri uno wa mbere, mu masaha yo ku mugoraba ku igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2019, mu nyubakwa z’i hoteli NONARA Beach Hotel, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, Uwurongoye ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi, yafashe akaryo ko gushimira abakinyi ,abarundi bose , abamenyeshamakuru, abagize inama nyobozi z’ishirahamwe ry umupira w’amaguru hano  mu Burundi, ku ntererano bakoze kugira Uburundi buronke itike ry’ukuja mu gikombe ca CAN kuva bwikukira.

« Ubwa mbere twoshimira abarundi bose ukobitanze mu gushigikira umugwi nserukira gihugu wabo, abamenyeshamakuru, abakinyi, abagize FFB, ku gikorwa bakoze imbere y’u rukino, ku munsi w’urukino n’inyuma y’urukino.


Uwakoze amakosa niwe azohanwa kandi amatohoza ariko arakorwa

Kimwe mu Kibazo cagumye kigaruka, n’ikijanye n’ikete riherutse kurungikirwa ishirahamwe ry ‘umupira w‘amaguru hano mu Burundi, isaba Uburundi gutanga ihadabu ringana n’amafaranga angana n’ibihumbi icumi vy’amadolari bivanye n’urukino rwahuje Uburundi n’igihugu ca Gabon, aho urwo rukino rwerekanywe ku mboneshakure nkuru y‘i gihugu, badafise uruhusha rwanditse rutanzwe na CAF.

« Uwakoze amakosa azohanwa ,amatohoza ariko arakorwa, uwatanze itegeko ry’ukwerekana urwo rukino ataruhusha atabimenyesheje imbere y’uko urwo rukino rutangura niwe azobazwa ayo makosa kuko ntitwohanirwa amakosa yakozwe n’abandi ».

Haracakenewe uburyo butari buke kugirango ibikenew evyose bitungane.

Mu majambo yiwe umurongozi wa FFB avuga ko umurwi ukeneye ibitari bike mu rwego rwo kwitegura iri higanwa ariko kandi atera akamo uwo wese yogira ico afashije kugira umurwi umere neza.

« Uburyo bukenewe ni bwinshi cane kugirango dushobore gukwiza ivvo dukeneye, kugirango abakinyi bazoronke ivyankenerwa vyose, kuri uno munsi ntitwovuga ayo dukeneye, ariko turateye akamo uwo wese, yogira ico aterereye  mu gufata mu  mugongo intamba mu rugamba ».

Imbere y‘uko inkino za CAN zitangura, harategekanijwe inkino za kivandimwe, ariko akaba hataramenyekana imigwi Uburundi buzohura kuko hakirindirwe Tombola y‘uko imigwi izohura mu matsinda, igikorwa gitegekanijwe kumunsi wa gatanu w‘ino ndwi igenekerezo rya 12 Ndamukiza mu Misiri, aho abarundi bamaze gufata urugendo bitabira iyo nama.

Twobibutsa ko ibihugu bibanyi birimo Kenya,Tanzaniya ndetse na Uganda ari bimwe mu bihugu bisanzwe bimenyerenanye n’u Burundi bikaba navyo vyararonse itike yo kuja gukina izi nkino nabo bakaba bokwishimira gukina inkino za kivandimwe n’uburundi mu gihe bose bazoba bari kwitegura izi nkino.

Iki iganiro kikaba carangiye hashikirijwe igitigiri c’amafaranga yavuye mu rukino rwahuje Uburundi na Gabon, amafaranga angana n’imiliyoni mirongo icenda na zitandatu ( 96.000.000fbu) z‘amarundi, akaba yaciye agaburirwa abakinyi hamwe n’abamenyereza.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by