Volleyball: RUKINZO V.C yatakaje urukino rwa mbere mu mahiganwa ya CAVB_2019 muri misiri.

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Rukinzo V.C niwo murwi waserukiye uburundi mu mahiganwa ahuza imirwi ya mbere iwabo mu rukino rwa volleyball ku mugabane wa Africa. Amahiganwa azoba hagati y’amatariki ya 01-11 Ntwarante 2019. Mu nkino zitanu zizokinwa na Rukinzo V.C, urwa mbere barutakaje bakina na Al swelty V.C yo mu gihugu ca libiya (Lybie).

Ku bakinyi basanzwe bakinira Rukinzo V.C, hiyongerako umukinyi BERUBURUNDI Donald (sénégalais) asanzwe akinira umurwi Gacosmos V.C yagiye nk’uwusahiriza. Hitezwe vyinshi muri ayo mahiganwa biciye kuri bamwe mu bakinyi bafise uburambe muri urwo rukino nka IRADUKUNDA Innocent na kizigenza BIZIMUNGU Patrick.

Nubwo bimeze uko, Rukinzo v.c ntiyorohewe kuko mu rukino rwa mbere bakinye kuri uyu wa mbere 01 Ntwarante 2019 na Al Swelty yamuka muri libiya, yabatsinze mu bice bitatu vyose (25-13;25-23;25-14). Mu rukino rukurikira Rukinzo V.C igiye gukina na FAP yo mu gihugu ca Cameroun.

Umwe mu bakinyi baganiriye n’Isanomag.com arasigura ico Al Swelty yabasumbije:

“… badusumbije kuzibira (block) hamwe n’ugutera imipira ikomakomeye mu gusatira (attack), ivyo vyose bakabikesha uburebure n’igihagararo bafise. Tugiye gukosora inkino zikurikira harimwo urugira kabiri dukina na FAP.”

Inyuma y’imyaka itari mike ata mahiganwa mpuzamakungu bwitabira, uburundi bwizeye gusubira kwiyambika umutamana nubwo bitoroshe. Misiri (Egypte) niyo yakiriye ayo mahiganwa ikaba ari nayo imaze imyaka ibiri yikurikiranya itahukana ibikombe mu myaka ya 2017 na 2018, ikaza imbere mu bikombe biciye kuri AL Ahly, ufise ibikombe 13 muri 37 bimaze gutunganywa.

Facebook Comments
Please follow and like us:
error0

Written by