Zinedine Zidane yifuza Sadio Mane muri Real Madrid ku buryo bwose bushoboka

Spread the love
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

Nyuma yo kugaruka ku ntebe ya Real Madrid nk’umumenyereza ,Zinedine zidane yerekana urukundo afitiye umukinyi wa Liverpool Sadio Mane ndetse bikaba bivugwa ko yiteguye kumutangako amahera ashoboka yose kugira amuzane I Santiago Bernabeu,aha ni nyuma yo kugura umukinyi akina inyuma Eder Militão agomba kuzana n’inguvu no mu basatira igori.

Mu rwego rwo kurondera uwosubirira Gareth Bale bivugwa ko agomba ku ba asohoka muri uyu murwi mu mpera z’iyi season,ZZ ntawundi mukinyi amuri mu mutwe Atari umunya Senegal Sadio Mane asazwe akinira umurwi wa Liverpool ,ndetse akaba ari umwe mu bakinyi bafashije uyu murwi kugera mu rukino rwa nyuma rwa League des Champions umwaka uheze aho batsinzwe na Real Madrid ibitsindo 3-1 ico kimwe nyene kikaba caratsinzwe na Sadio Mane,kuva ico gihe bivugwa ko hari ibiganiro vyabaye hagati ya Zidane na Sadio Mane biza guhagarikwa nuko Zidane yaje gusezera muri uyu murwi.

Sadio Mane mu nzira zija i Madrid ariko Liverpool ntibikozwa

Ikinyamakuru Marca canditse ko uyu musore yifuzwa n’uyu murwi ku rutonde rwa mbere mu bandi bakinyi ariko biraza kugorana kuko ku ruhande rwa Liverpool yamaze kumenyesha umurwi wa Real Madrid ko Sadio Mane atari ku isoko nkuko Daily Mail nayo yazindutse yandika iyi nkuru.

Sadio Mane ni umwe mu bakinyi bari mu bihe vyiza mu murwi wa Liverpool muri iyi minsi akaba anaherutse guhesha uyu murwi itsinzi bakina na Bayern Munich muri 1/8 ca champions League atsinda ibitsindo 2 muri 3 batsinze uyo murwi,bira za kugorana ko uyu murwi uzomworohereza kuja muri Real Madrid,naho umukinyi wese aba yifuza kuja muri uyu murwi w’igihangange ku isi,ariko ubucuti hagati ya Madrid na Liverpool bukaba atari bubi cane uravye bamwe mu bakinyi muri kahise baguzwe na Real Madrid bavuye muri Liverpool aha twovuga ba Xavi Alonso,Alberoa,Steve Macmanman,Owen n’abandi batari bake,vyotanga icizere ko uyu musore nawe yoja kuri urwo rutonde.

Zidane yifuza kumutangako ayashoboka yose

Sadio Mane amaze kugeza ku bitsindo 17 mu ihiganwa rya Premier League mu bwongereza ndetse akaba amaze gutsinda ibitsindo 56 atanga imipira ivamo ibitsindo 21 mu nkino 111 amaze gukinira umurwi wa Liverpool,ariko Jurgen Klopp akaba avuga ko adashobora kureka umukinyi uwo ari we wese mubo afise kuva i Anfield mu gihe ca vuba,kuko abona ko bashobora kumufasha gutwara igikombe nyuma yo gutsindirwa mu nkino za nyuma 3 kose mu mahiganwa atandukanye kuva Klopp afashe uyu murwi wa Liverpool.

Sadio Mane ari mu bahesheje umurwi wa Senegal itike yo kuja muri CAN 2019

Sadio Mane arikumwe n’umurwi wiwe wa Senegal mu nkino zo kurondera itike ija muri Misiri mu gikombe c’afrika ACON 2019 ariko Senegal yamaze kuyironka ,akaba yari mu bakinyi bakinye urukino rwa nyuma rwo mu itsinda ryabo aho batsinzemo Madagascar ,akaba afise urukino ku munsi wa Kabiri aho bazokina na Mali ku wa 26 Ntwarane 2019  mbere y’uko asubira mu bwongereza ashikira ku rukino rwa Tottenham ku munsi wa Mungu ku itariki ya 31 Ntwarane 2019.

Gusa amakuru meza ku murwi wa Real Madrid nuko mu masezerano afitanye na Liverpool ntahavuga ko igurishwa ryiwe ryose rigomba kuba ryemejwe na Liverpool,bivuze ko igihe cose yokwifuza kuva Anfield amarembo yuguruye.

Facebook Comments
Please follow and like us:

Written by